Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abaheburayo 13:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Ukwubakana kwubahirizwe na bose, kandi ntihakagire icanduza uburiri bw’abubakanye; kuko Imana izocira urubanza abagendera mu bushakanyi no mu busambanyi.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Umubano w’abābīranye ni wubahwe na bose, kand’ uburiri bgabo bgoye guhumanywa: kukw abashakanyi n’abasambanyi Imana izobacirakw iteka.

Gade chapit la Kopi




Abaheburayo 13:4
33 Referans Kwoze  

Ibikorwa vya kamere muntu biragaragara, ni ibi: ubusambanyi, ibihumanya, ivy’isoni nke,


ukwipfuza kubi, akaborerwe, kurya birenze urugero n’ibindi bene ivyo. Ndababuriye ubugira kabiri, ko abakora ibintu nk’ivyo batazoragwa Ubwami bw’Imana.


Mbega ntimuzi ko inkozi z’ibibi zitazoragwa Ubwami bw’Imana? Ntimukibeshe: abihumanisha ibijanye n’ubusambanyi, abasenga ibigirwamana, abasambanyi, abagabo bihindura abagore mu bumaraya, abahuza ibitsina basangiye,


Imana ni yo izocira urubanza abatizera, ariko nk’uko Ivyanditswe bivuga, “Nimwirukane inkozi y’ikibi iri hagati muri mwebwe.”


Kuko mukwiye kumenya neza ko: ata munyangeso mbi, uwanduye canke uwukunda inda; umuntu nk’uwo asenga ibigirwamana, azogira ico aragwa mu bwami bwa Kristo n’Imana.


Umudiyakoni ategarazwa kuba umugabo afise umugore umwe, kandi ashoboye gutunganya abana biwe n’urugo rwiwe.


Ategerezwa kuba uwushobora gutunganya urugo rwiwe, abana biwe bakamugamburukira kandi bakamusonera.


Nuko rero uwurongoye inkumi yahisemwo aba agize neza, ariko uwutarongoye aba agize neza gusumba.


Inyuma y’igisagara hazoba hari imbwa, abapfumu, abasambanyi, abicanyi, abasenga ibigirwamana hamwe n’abakunda kubesha bakanabikora.


Umurongozi w’ishengero ategerezwa kuba inyankamugayo, umugabo afise umugore umwe, abana biwe bizera kandi batazwi nk’abigenza nabi canke abagarariji.


Nohanura rero abapfakazi bakiri bato ko bosubira kurongorwa, bakavyara abana, bagatunganya ingo zabo. Ni ho umwansi atazoronka ico abavugako.


Babuza abantu kurongora, bakabategeka kutarya imfungurwa zimwezimwe, izo Imana yaremye kugira ngo abizeye bakamenya ukuri bazifungure bashima.


Kuko twese tuzohagarara imbere y’intebe y’imanza ya Kristo, kugira ngo umwe wese ahabwe impera y’ivyo yakoze akiri muri uwu mubiri, biba vyiza canke bibi.


Mbega sinemerewe kubana n’umugore yizera nk’uko izindi ntumwa, abavukanyi b’Umwami Yesu Kristo na Kefa babigira?


Umurongozi akwiye kuba inyankamugayo, umugabo afise umugore umwe, atekereje, aganza ingeso ziwe, yubahwa, yakira abantu, kandi ashoboye kwigisha,


Ntihakagire n’umwe muri mwebwe aba umushakanyi canke atubaha Imana nka Esawu yagurishije kuba samuragwa kwiwe, akagukaba isahani imwe y’ivyokurya.


Mwirinde ubusambanyi. Ikindi caha cose umuntu akora ntigifata umubiri. Ariko uwusambana aba acumuye ku mubiri wiwe.


Kandi muri ivyo vyose, ntihakagire uwugirira nabi mwene Se canke ngo amugunge, kuko Umwami azohana ivyaha nk’ivyo vyose nk’uko twari tumaze kubibabwira no kubibaburirako.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite