Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abaheburayo 13:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Mwibuke abari mu mabohero, nk’aho mwoba muri kumwe na bo mw’ibohero. Mwibuke abababazwa nk’aho namwe mwumva ububabare bwabo mu mibiri yanyu.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Mwibuke ababoshwe nk’ababohanywe na bo: mwibuke n’abagirirwa nabi, kuko namwe muri mu mubiri.

Gade chapit la Kopi




Abaheburayo 13:3
19 Referans Kwoze  

nagenda gusa muranyambika, nari ndwaye muza kunsuhuza, nari mw’ibohero muza kundaba.’


Mwagirira impuhwe abapfunzwe, kandi iyo babanyaze ivyanyu mwavyemerana umunezero, kuko mwari muzi ko mufise ubutunzi burengeye ubwo kandi buzokwamaho.


Abanezerewe, munezeranwe na bo, abarira murirane na bo.


Iyo hagize igihimba kimwe kigwara, ibindi vyose bigwarana na co. Kandi iyo igihimba kimwe cubashwe, ibindi vyose binezeranwa na co.


Jewe Pawulo, ndabandikiye ndabatasha n’ukuboko kwanje. Ubuntu bw’Imana bubane namwe.


Mu kurangiza, mwese nimuhuze umutima n’inama, mubabarane, mukundane nk’abavukana. Mugire umutima mwiza kandi umuntu wese yicishe bugufi imbere ya mugenziwe.


nari ingenzi ntimwampa indaro, nagenda gusa ntimwanyambika, nararwaye nja no mw’ibohero ntimwaza kundaba.’


Nuko ategeka umukuru w’abasoda ijana kuguma arinze Pawulo, ariko amuhe umwidegemvyo kandi yemerere n’abagenzi biwe kumufasha mu vyo yokenera.


Nuko, Jewe nk’imbohe y’Umwami, ndabinginga ngo mubeho ubuzima bubereye ihamagarwa ryanyu mwahamagawe n’Imana.


Ku musi ukurikira twururukira i Sidoni. Pawulo agira ikiganza ciza kuri Yuliyo, amwemerera kuja ku bagenzi biwe kugira ngo bamufashe mu vyo akeneye.


Hari abishwe batewe amabuye, abandi bahimburwamwo kubiri n’imisumeno, abandi bicishwa inkota. Hari abayerera bambaye insato z’intama n’iz’impene, ata co bafise, bahahazwa kandi bafatwa nabi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite