Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abaheburayo 13:16 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Kandi ntimwibagire gukora ivyiza no gusangira n’abandi, kuko ivyo ni ibimazi bihimbara Imana.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Kugira neza no kugira ubuntu ntimukavyibagire, kukw ibimazi bimeze birtyo ari vyo bihimbara Imana.

Gade chapit la Kopi




Abaheburayo 13:16
22 Referans Kwoze  

Namwe bene Data, ntimukadendebukirwe gukora ineza.


Mufashe bene Data mu vyo bakenye kandi mwakirane hagati yanyu.


None rero, uko akaryo kose kabonetse, tugirire neza bose, na canecane abo mu nzu y’abizera.


Kuko Imana ntirenganya ngo yibagire ibikorwa mwakoze canke urukundo mwerekanye ku bw’izina ryayo mu gukorera abizera, kandi mukaba mukibandanya mubikora.


Ubigishe gukoresha amahera yabo mu gukora ivyiza: bakwiye kuba abatunzi mu bikorwa vyiza, no mu gufasha abakene no mu kugira imitima yiteguriye gusangira ivyabo n’abandi.


Ubu mfise ivyo nkeneye vyose, ndetse n’umusesekara, kuko naronse ingabire nyishi mwarungikanye Epafurodite. Zimeze nk’amavuta amotesha neza, ikimazi cemerwa, gihimbara Imana.


Uwiba ntakongere kwiba, ariko atangure gukora, akoreshe amaboko yiwe mu buryo bwiza kugira ngo aronke ikimutunga n’ico gufashisha umukene.


Mwirinde ntihagire uwusubiza inabi mugenziwe, ariko mugiriranire ubugwaneza muri mwebwe no ku bandi.


ingene Imana yarobanuje Yesu w’i Nazareti Mpwemu Yera n’ubushobozi, n’ukuntu yagendagenda hose agira neza, akiza n’abari mu gacinyizo ka wa mubi, kuko Imana yari kumwe na we.


Yesu yumvise iyo nyishu aca amubwira ati: “Hari ikintu kimwe ugihajije. Genda ugurishe ivyo utunze vyose, maze amahera ukuyemwo uyahe aboro; ni ho uzoronka ubutunzi mw’ijuru. Hanyuma uce uza unkurikire.”


Mugenzi nkunda, ntukigane ibibi, ariko wigane ivyiza. Umuntu wese akora ivyiza ava ku Mana. Umuntu wese akora ibibi ntarabona Imana.


Uwigishijwe Ijambo ry’Imana, akwiye gusangira ivyiza vyose afise n’uwarimwigishije.


Ndagusengera kugira ngo ukwizera dusangiye kwame ivyamwa, maze ubone gutahura ivyiza vyose dufise muri Kristo Yesu.


Mwagize neza kwifatanya nanje mu mibabaro ndimwo.


Kandi i Yopa hari imwigishwa yitwa Tabita (mu Kigiriki ryasobanura Dorukasi, ni ukuvuga Ingeregere), yama akora ibikorwa vyiza, afasha abakene.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite