Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abaheburayo 13:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Ni co gituma na Yesu yababarijwe kandi agapfira inyuma y’igisagara kugira ngo ashikane abantu biwe ku kwera akoresheje amaraso yiwe.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Ni co catumye na Yesu ababarizwa inyuma y’irembo, kugira ngo yezeshe abantu ayiwe maraso.

Gade chapit la Kopi




Abaheburayo 13:12
18 Referans Kwoze  

Kandi bamwe muri mwebwe bari bameze nk’abo. Ariko mwarogejwe, murezwa, mwongera mwemerwa n’Imana nk’abagororotsi mw’izina ry’Umwami Yesu Kristo, mubihawe na Mpwemu w’Imana yacu.


bamukwegera inyuma y’igisagara, batangura kumutera amabuye. Vya vyabona bikura imitamana yavyo, biyirambika imbere y’ibirenge vy’umusore yitwa Sawuli.


ngo arigire iryejejwe ritunganye, aryogesheje umwuhagiro w’amazi ari ryo Jambo ry’Imana.


Namwe mwibaze ingene igihano kizohabwa abagaye Umwana w’Imana, bagatitura amaraso y’isezerano yabogeje ivyaha, kandi bagatuka Mpwemu w’ubuntu, kizoba gikomeye.


Ku bwabo ndiyeza, kugira ngo na bo bezwe mu kuri.


Yesu ni we yeza abantu ivyaha vyabo. Uweza hamwe n’abezwa bose bafise Se umwe. Ni co gituma Yesu bitamutera isoni kubita abavukanyi biwe.


Umwe mu basoda acumita Yesu icumu mu rubavu, haseseka amaraso n’amazi.


Barahaguruka, bamukwegera inyuma y’igisagara, bamujana hejuru ku musozi ico gisagara cari cubatsweko, kugira ngo bamutembagarize mu manga.


Kuko ico Imana yashaka kwari uko twezwa biciye mu kimazi c’umubiri wa Yesu Kristo, rimwe rizima.


Izo nzabibu ziganirwa mu bwato buri inyuma y’igisagara, amaraso yazo araduga gushika ku minwa y’amafarasi, yongera arasanzara gushika nko ku birometero amajana atatu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite