Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abaheburayo 12:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Muramaze kwibagira ya majambo yo kubatera intege Imana yababwira nk’abana bayo? Yavuze iti: “Mwana wanje, ntukagaye uguhana kw’Uhoraho, kandi ntugacike intege iyo aguhanye;

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 kandi mwibagiye rya jambo ribahubūra ribahanūra nk’abana, ngo Mwana wanje, ntugaye igikāngīro c’Uhoraho, Kandi ntudendebukirwe ni yaguhana.

Gade chapit la Kopi




Abaheburayo 12:5
33 Referans Kwoze  

Uwo nkunda ndamukankamira, nkanamuhana. None rero, gira umwete, wihane.


Ariko Umwami aduciriye urubanza, aba adutoje indero kugira ngo ntituzociribwe urubanza hamwe n’iyi si.


Harahiriwe umuntu yihanganira ibimugerageza, kuko inyuma y’ukugeragezwa, niyarama azohabwa igitsibo c’ubugingo Imana yasezeraniye abayikunda.


Mwihanganire uku guhabwa indero n’Imana, muzi ko ivyo ibikorera abana bayo bwite. Mwoba mumaze kubona umwana se adahana?


Ntari hano, yazutse. Nimwibuke ivyo yababwiye akiri kumwe namwe i Galilaya,


Nuko baca baribuka amajambo yavuze.


Dukore ivyiza tudacika intege, kuko igihe gikwiye kigeze tuzokwimbura, nitutarambirwa.


Bamwe muri abo ni Humenayo na Alegizandere, abo nahaye Satani kugira ngo bibigishe kutavuga ibibi ku Mana.


Ndabinginga bene Data, mushire umutima kuri aya majambo yo kubatera intege, kuko iri kete nanditse si rirerire.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite