Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abaheburayo 11:8 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Ukwizera ni kwo kwatumye Aburahamu yumvira Imana igihe yamuhamagara ngo ave mu gihugu ciwe aje mu kindi yari igiye kumuha ngo kibe iciwe. Yavuye mu gihugu ciwe atazi iyo agiye.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Ukwizera ni kwo kwatumye Aburahamu yumvira Imana imuhamagaye, akaja ahantu yar’ abīkiwe kuragwa: nukw agenda, atazi iy’ aja.

Gade chapit la Kopi




Abaheburayo 11:8
32 Referans Kwoze  

Ubu rero ko mwiyejeje mu kwumvira ukuri, bigatuma mugiriranira urukundo ruva ku mutima vy’ukuri, nimukundane cane nk’abavukana kandi n’imitima yanyu yose.


Ariko rero si abantu bose bemera kwakira Ubutumwa Bwiza, kuko Yesaya yavugishijwe ngo: “Mwami ni nde yizeye Ubutumwa Bwiza twavuze?”


Kuko igihe cashitse c’uko urubanza ruhera mu nzu y’Imana. Nimba urubanza ruhereye kuri twebwe, mbega ntazoba ari akaga gakomeye ku bantu banse kwumvira Ubutumwa Bwiza bw’Imana!


Ukwizera ni kwo kwatumye aba bantu banesha ubwami, baganzanya ubutungane, kandi baronka ivyo Imana yari yarasezeranye. Bugaye iminwa y’intambwe,


Ariko, Imana ishimwe, kuko naho mwigeze kuba abagurano b’icaha, ubu mwarumviye n’imitima yanyu yose ukuri kuri mu nyigisho mwakiriye.


Kandi muri iyo nzira nyene, bagore, mwubahe abagabo banyu; kugira ngo na barya batumvira Ubutumwa Bwiza, bahindurwe n’ingeso nziza z’abagore babo ata majambo arinze kuvugwa,


Amaze kuba uwutunganye rwose, yahindutse isoko ry’agakiza kadashira ku bamwumvira bose.


Dusambura ivyiyumviro bibi vyose vyishize hejuru mu kubuza abantu kumenya Imana, tugafata mpiri ivyiyumviro vy’abagarariji vyose tukabashikana ku kwubaha Kristo.


Imana yangiriye ubuntu biciye muri we, impa kuba intumwa ku bw’icubahiro ciwe, kugira ngo nshobore gushikana Abanyamahanga ku kuyizera no kuyumvira.


Yosefu arahaguruka, afata umwana na nyina basubira mu gihugu ca Isirayeli.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite