Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abaheburayo 11:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Kubera ukwizera, Abeli yashikaniye Imana ikimazi cemewe na yo kurusha ica Kayini. Ukwo kwizera kwiwe kwatumye yemerwa n’Imana nk’umugororotsi, kuko Imana ubwayo yemeye ishikanwa ryiwe. Kandi ku bw’ukwizera kwiwe, naho yapfuye, aracavuga.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Ukwizera ni kwo kwatumye Abeli aha Imana ikimazi kiruta ica Kayini, ni kwo kwamuhesheje gushingirwa intahe kw ar’ umugororotsi, hamwe Imana yashingira intahe amashikanwa yiwe yukw ari meza, kandi ni kwo kwatumye na none akivuga, naho yapfuye.

Gade chapit la Kopi




Abaheburayo 11:4
21 Referans Kwoze  

Mwegereye Yesu, umuhuza w’isezerano rishasha riri hagati y’Imana n’abantu, kandi mwegereye amaraso aduhumanura, avuga ivyiza kurusha aya Abeli.


Abo bazobona ibara! Bajanye inzira ya Kayini, bakurikira amaronko maze barwa mu mutego Balamu yaguyemwo; bazohona kuko bagararije nka Kora.


Ikizokurikira ni uko ingaruka z’amaraso y’abagororotsi b’ibihe vyose bishwe, uhereye ku mugororotsi Abeli ukageza kuri Zakariya mwene Barakiya uwo mwiciye mu rusengero hagati y’igicaniro n’ihema ry’ibonaniro, zizoba kuri mwebwe.


Mu bisanzwe, ivyagezwe vya Mose vyasaba ko ibintu nka vyose vyozwa n’amaraso. Kuko ata guharirwa ivyaha gushobora kubaho, ata maraso asesetse.


Ni co gituma, ko dukikijwe n’isinzi ry’ivyabona bingana gutyo, dukwiye kwiyambura ibintu vyose bituboha bikatubuza kubandanya hamwe n’icaha kitwizingirako vyoroshe, maze dusiganwe n’umwete mw’ihiganwa Imana yashize imbere yacu.


uhereye ku ya Abeli ugashitsa ku ya Zakariya yiciwe hagati y’igicaniro n’ihema ry’ibonaniro. Ndababwire ukuri, ingaruka z’ayo maraso yose zizoba ku bantu ba kino gihe.


Bigira abazi Imana ariko ibikorwa vyabo bikagaragaza ko bayihakana. Ni abo kwankwa, ntibumvira kandi nta gikorwa ciza na kimwe bashoboye gukora.


Umuherezi mukuru wese atorwa mu bantu, agatorerwa guserukira abandi imbere y’Imana kugira ngo atange amashikanwa n’ibimazi vy’ivyaha.


Ukwizera ni kwo kwatumye abantu ba kera bashingirwa intahe.


(kuko uwo mugororotsi yaba muri bo, imisi yose, akama ababazwa mu mutima wiwe ugororotse n’ibikorwa vy’ubugarariji bakora abibona kandi avyumva).


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite