Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abaheburayo 11:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Mu kwizera turatahura ko isi yose yaremwe n’Ijambo ry’Imana; ko ivyo tubona vyavuye mu bitaboneka.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Ukwizera ni kwo kutumenyesha yukw isi yaremwe n’ijambo ry’Imana, ni co catumye ibiboneka bitāremwe mu biseruka.

Gade chapit la Kopi




Abaheburayo 11:3
17 Referans Kwoze  

Ariko biyibagiza ibigirankana ko amajuru yabayeho n’isi ikaremwa ikuwe mu mazi kandi igizwe n’amazi, biremwe n’Ijambo ry’Imana.


Imana ni we yakoresheje mu kurema vyose; mu vyaremwe vyose nta na kimwe Imana yaremye itamukoresheje.


Ivyo ni vyo Ivyanditswe Vyera vyavuga igihe Imana yavuga ngo: “Nakugize sekuruza w’amahanga menshi.” Ivyo rero vyabaye kuko Aburahamu yizeye Imana ishobora kuzura n’uwapfuye, ikarema n’ibintu bishasha ibikuye mu busa.


Imana yaremye isi n’ibiyirimwo ni yo Mwami y’ijuru n’isi kandi ntiba mu ngoro zubatswe n’abantu.


“Urabereye, Mwami Imana yacu, kwakira icubahiro n’ububasha kuko ari wewe waremye vyose, ugushaka kwawe ni ko kwatumye bibaho, biraremwa.”


Ariko muri iyi misi y’iherezo, yavuganye natwe iciye ku Mwana wayo. Uwo ni we Imana yagize samuragwa w’ibintu vyose, kandi ivyaremwe vyose yabiremye iciye muri we.


“Mbega bagenzi, ivyo bintu mubikorera iki? Erega turi abantu nka mwebwe! Twabazaniye Ubutumwa Bwiza, bubabwira guhindukira mukava mu bitagira ikimazi, mukaza ku Mana nzima, yaremye ijuru, isi n’ikiyaga, n’ibibibamwo vyose.


Ahubwo tubabwira ubwenge bw’Imana bwagizwe ibanga, bwari bwaranyegejwe, ariko Imana ikaba yarabuduteguriye isi itararemwa kugira ngo buzoduhe ubwiza.


kuko turazi ko vyezwa n’ijambo ry’Imana n’amasengesho.


bakumviriza ku vyiza vy’ijambo ry’Imana no ku bushobozi bw’ibihe bigiye kuza;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite