Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abaheburayo 11:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Ukwizera ni ukudakekeranya ku vyo wizigiye; ni ukutagira amazinda ku vyo utabonesha amaso.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Ukwizera n’ukumenya rwose ivyizigirwa, udakekeranya ngo ntibizoba, kand’ ibitabonwa ni kwo kubitumenyesha kw ar’ ivy’ ukuri.

Gade chapit la Kopi




Abaheburayo 11:1
24 Referans Kwoze  

Tubayeho mu kwizera, ntitubayeho kubera ivyo tubona.


None rero ntiduhanga amaso ku biboneka vy’ab’iki gihe, ariko tuyahanga ku bitaboneka, kuko ibiboneka ari ivy’akanya gato, ariko ibitaboneka bizokwamaho ibihe vyose.


Ukwizera ni kwo kwatumye Nowa yubaka ubwato bunini kugira ngo akize umuryango wiwe umwuzure. Yumviye Imana yamugabishije ku bintu bitari bwigere biba. Uko ni ko yaciriye isi urubanza, kandi kubera ukwizera kwiwe, Imana na yo yaremeje ko yari umugororotsi.


muze twegere aho Imana iri dufise imitima irimwo ukuri kandi tuyizeye ata gukekeranya, imitima yacu yogejwe igakurwamwo ibiyagiriza, n’imibiri yacu yogeshejwe amazi meza.


Ukwizera ni kwo kwatumye ava muri Egiputa, ntiyatinya ishavu ry’umwami. Yarashikamye arabandanya, nk’uwubona ivyo abandi batabona.


Ivyo bizotuma mutaba abanebwe, ahubwo muzoba abigana abaragwa b’ivyasezeranywe, biciye mu kwizera no kuramiriza.


Ariko twebwe ntituri mu basubira inyuma bagahona, ahubwo turi mu bizera bagakiza imitima yabo.


None rero hari ibintu bitatu bizokwamaho: ukwizera, ivyizigiro n’urukundo. Ariko igikuru muri vyose ni urukundo.


Aba bantu bose bapfuye bacizeye ivyo Imana yasezeranye. Ntibaronse ivyo basezeraniwe, ariko barabibona biri kure bakabinezerererwa; bakemera ko ari abanyamahanga n’ingenzi kw’isi.


Kuko twahindutse abafatanije na Kristo, nimba vy’ukuri tuzigamye, gushitsa kw’iherezo, ivyizigiro bishikamye nk’ivyo twatanguranye.


Kuko muri Kristo Yesu, ugukebwa canke ukudakebwa nta kimazi bifise. Igihambaye ni ukwizera gukorera mu rukundo.


Kuko uwuri muri Kristo Yesu aba abaye icaremwe gishasha, ivya kera biba biheze, ibishasha biba bishitse.


Jewe Simoni Petero, umukozi n’intumwa ya Yesu Kristo, Ndabandikiye mwebwe mwakiriye ukwizera kw’agaciro nk’ukwacu biciye mu kugororoka kw’Imana yacu n’Umukiza Yesu Kristo:


Nigishije Abayuda n’Abagiriki ko bakwiye kwihana bagahindukirira Imana mu kwizera Umwami Yesu.


Jewe Pawulo, umukozi w’Imana n’intumwa ya Yesu Kristo ku bw’ukwizera kw’abatoranijwe n’Imana n’ukumenya ukuri gushikana ku kugororoka,


none twebwe tuzokira gute ni twanjanjwa ku gakiza gakomeye nk’ako? Umwami Yesu ubwiwe ni we yabanje kuvuga ivy’ako gakiza, hanyuma abamwumvise baratwemeza ko ari ukuri.


Mu kwirata gutya sindiko mvuga nk’uko Umwami Yesu yovuga, ahubwo mvuze nk’igipfu.


Kuko hamwe hogira ab’i Makedoniya tuzanana hanyuma bagasanga mutiteguye, twomaramara, ariko mwebwe mwomaramara kurusha kuko mwabivuganye ugushira amanga.


Ariko Kristo ni umwizigirwa nk’Umwana yahawe kuganza inzu y’Imana. Kandi iyo nzu ni twebwe, niyo twagumya ugushira amanga n’ivyizigiro dufise muri Kristo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite