Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abaheburayo 10:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Ni co gituma igihe Kristo yaza mw’isi yavuze ati: “Ibimazi n’amashikanwa si vyo washatse, ariko wanteguriye umubiri;

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Ni co catumye, hamwe yaza mw isi, avuga, At’ Ibimazi n’amashikanwa ntiwabigomvye, Ariko wanteguriye umubiri.

Gade chapit la Kopi




Abaheburayo 10:5
26 Referans Kwoze  

Ku musaraba, Kristo ubwiwe yishizeko ivyaha vyacu, kugira ngo kamere muntu kacu ko gukunda icaha gapfe, tubeho dukunda gukora ivyo kugororoka. Mu bikomere vyiwe ni ho dukura gukira ingwara.


Kandi igihe Imana yazana Umwana wayo w’imfura mw’isi, yavuze iti: “Abamarayika bose b’Imana nibamusenge.”


Nanje ndavuga nti: ‘Ndi hano, nje gukora ivyo ugomba, Mana, nk’uko umuzingo w’igitabu umvugako.’”


Abo bana hari ikintu basangiye: bose ni abantu. Yesu na we ubwiwe yahindutse umuntu nka bo kugira ngo, biciye mu rupfu rwiwe, amare inkomezi uwari afise ububasha bw’urupfu, ari we Satani.


Kuko ico Imana yashaka kwari uko twezwa biciye mu kimazi c’umubiri wa Yesu Kristo, rimwe rizima.


Maze igihe gikwiye kigeze, Imana irungika Umwana wayo, avyagwa n’umugore, avukira mu vyagezwe,


Ibi ndabivuze kuko ababeshi benshi bakwiragiye mw’isi. Abo ntibemera ko Yesu Kristo yaje yambaye umubiri. Umuntu wese ameze uko ni umubeshi kandi ni antikristo.


Kubera umuherezi mukuru wese yashirirwaho gutanga amashikanwa n’ibimazi, n’Umuherezi Mukuru wacu na we yategerezwa kugira ico atanze.


Ikirengeye ivyo umuntu yokwibaza vyose, ikinyegezwa c’ukwizera kwacu kirahambaye: Kristo yabonetse mu mubiri, yemezwa na Mpwemu Yera, abonwa n’abamarayika, amenyekanishwa mu mahanga, yizerwa n’abo mw’isi, aduzwa mu bwiza bwo mw’ijuru.


Jambo yahindutse umuntu abana natwe, yuzuye ubuntu n’ukuri. Natwe twariboneye ubwiza bwiwe; ni ubwiza bw’Umwana w’ikinege akura kuri Se.


Na we aramwishura ati: “Mpwemu Yera azokuzako, ububasha bw’Iyisumbavyose bugutwikire. Ni co gituma umwana azovuka azoba uwera, yitwe Umwana w’Imana.


“Mbega woba uri umwe yategerezwa kuza, canke twitege uwundi?”


abatuma kubaza Umwami Yesu bati: “Ni wewe twari twiteze ko uzoza canke twitege uwundi?”


Yesu akiri kw’isi, yarasenze kandi aringinga aboroga mbere anarira. Yasenga Imana yari ishoboye kumukiza urupfu. Imana yaramwumvise kuko yari aciye bugufi akayumvira mu bwizigirwa.


Ubwa mbere Kristo yavuze ati: “Ntiwashatse kandi ntiwashimye ibimazi n’amashikanwa canke ibimazi bituririwe ku gicaniro n’ibimazi vy’ivyaha, kandi vyategekanywa n’ivyagezwe vya Mose.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite