Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abaheburayo 10:11 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Mu gihe c’isezerano rya mbere, umuherezi wese yakora igikorwa ciwe ku gicaniro imisi yose agatanga kenshi ibimazi amenyereye gutanga, yamara ntivyashobora gukuraho ivyaha.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Kand’ umuherezi wese ahagarara uko bukeye akora ivy’ ubuherezi, atanga kenshi ivyo bimazi nyene, ata ho vyoshobora gukūrah’ ivyaha na mba.

Gade chapit la Kopi




Abaheburayo 10:11
21 Referans Kwoze  

Amaraso y’impfizi z’inka n’impene ntashobora gukuraho ivyaha.


Umuherezi mukuru wese atorwa mu bantu, agatorerwa guserukira abandi imbere y’Imana kugira ngo atange amashikanwa n’ibimazi vy’ivyaha.


Yesu aratandukanye n’abandi baherezi bakuru kuko we ntakeneye gutanga ibimazi ku musi ku musi, nk’uko abandi babanza gutanga ibimazi vy’ivyaha vyabo, hanyuma bakabona gutanga ivy’abandi bantu. Yesu we yabikoze rimwe rizima igihe yitanga nk’ikimazi ku bw’ivyaha vy’abantu.


Ivyagezwe vya Mose ni ikigereranyo c’ivyiza bigiye kuza; si ukuri kw’ivyo vyiza. Mu gihe c’Ivyagezwe, baguma batanga ibimazi uko umwaka utashe, yamara ivyo bimazi ntivyigeze bishobora gutunganya rwose abegera Imana bayisenga.


Igikorwa ciwe yagikoreye ahera, Yakoreye igikorwa ciwe mw’ihema ry’ibonaniro, ikibanza nyakuri co gusengeramwo cubatswe n’Umwami Imana, atari amaboko y’abantu.


Iyo Kristo aja kuba ari kw’isi, ntivyakunda ko aba umuherezi, kuko hari hasanzwe abaherezi batanga amashikanwa nk’uko Ivyagezwe vyabitegekanya.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite