Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abaheburayo 10:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Ivyagezwe vya Mose ni ikigereranyo c’ivyiza bigiye kuza; si ukuri kw’ivyo vyiza. Mu gihe c’Ivyagezwe, baguma batanga ibimazi uko umwaka utashe, yamara ivyo bimazi ntivyigeze bishobora gutunganya rwose abegera Imana bayisenga.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Ivyagezwe ko bifise igitūtu c’ivyiza bizoza, bidafise ishusho bgite y’ivyo vyiza, nta ho vyoshobora guhīngūra abēgēra igicaniro, bibahīngūrisha ivyo bimazi nyene bahora batanga imyaka n’imyaka.

Gade chapit la Kopi




Abaheburayo 10:1
13 Referans Kwoze  

Bakorera ibikorwa vyabo mu kibanza kigereranywa kikaba n’igitutu c’ivyo mw’ijuru. Kuko igihe Mose yagira yubake ihema, Imana yamubwiye imugabisha iti: “Uze urabe neza ko bikorwa nk’uko wavyerekewe kuri uwu musozi.”


Ariko Kristo yaje nk’Umuherezi Mukuru w’ivyiza bisanzwe bihari, yinjira mw’ihema rikuru kandi ritunganye kuruta ayandi. Iryo ntiryubatswe n’amaboko y’abantu, bisigura ko ritari iryo mu vyaremwe.


Ivyo vyari igitutu c’ivyari bigiye kuzoza; ariko ishusho y’ukuri yari umubiri wa Kristo ubwiwe.


Vyari bikwiye ko ihema n’ibiri muri ryo, na vyo akaba ari ishusho ry’ivyo mw’ijuru, vyezwa n’amaraso y’ibikoko. Ariko ivyo mw’ijuru vyari bikwiye kwezwa n’ibimazi biruta amaraso y’ibikoko.


Kandi ntiyinjiye kugira ngo yitange kenshi, nk’uko umuherezi mukuru wa hano kw’isi yinjira Ahera h’Ahera uko umwaka utashe yitwaje amaraso atari ayiwe.


Ivyagezwe vya Mose ntivyashobora gukora ivyo, kubera intege nke za kamere kacu k’icaha. Ico ivyagezwe bitashoboye gukora, Imana yagikoze mu gutuma Umwana wayo, yaje afise umubiri nk’uw’umunyavyaha kugira ngo abe ikimazi c’ivyaha. Kandi muri uwo mubiri, Imana irangiza ububasha icaha cari kidufiseko mu kuwutanga nk’ikimazi c’ivyaha vyacu; gutyo icira urubanza icaha mu mubiri.


Ivyagezwe vyashikiriye Abisirayeli biciye mu gikorwa c’ubuherezi bw’Abalewi. None iyo ubwo buherezi buba bwarashikije ugutungana Imana yashaka, hari icari gutuma ishiraho uwundi muherezi wo mu buryo bwa Melekisedeki, atari uwo mu buryo bwa Aroni?


muze twegere aho Imana iri dufise imitima irimwo ukuri kandi tuyizeye ata gukekeranya, imitima yacu yogejwe igakurwamwo ibiyagiriza, n’imibiri yacu yogeshejwe amazi meza.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite