Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abaheburayo 1:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Kandi igihe Imana yazana Umwana wayo w’imfura mw’isi, yavuze iti: “Abamarayika bose b’Imana nibamusenge.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Kand’ ah’ izokwongera kuzana imfura yayo mw isi, it’ Abamarayika b’Imana bose bamusenge.

Gade chapit la Kopi




Abaheburayo 1:6
17 Referans Kwoze  

Ni we mutwe w’umubiri, ari ryo shengero; ni we tanguriro kandi ni we mfura mu kuzuka mu bapfuye; kugira ngo muri vyose abe agaheta,


Kristo ni we shusho iboneka y’Imana itaboneka, imfura irengeye ivyaremwe vyose,


Ubu rero Yesu yarasubiye mw’ijuru. Yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’Imana kandi abamarayika, abanyabushobozi n’abanyabubasha bose bari musi y’ubushobozi bwiwe.


Jambo yahindutse umuntu abana natwe, yuzuye ubuntu n’ukuri. Natwe twariboneye ubwiza bwiwe; ni ubwiza bw’Umwana w’ikinege akura kuri Se.


no kuri Yesu Kristo we cabona co kwizigirwa, imfura mu bapfuye, umutware aganza abami bo kw’isi bose, bibane namwe. Icubahiro cose kibe ic’uwadukunze, akatubohora mu vyaha vyacu abanje gusesa amaraso yiwe.


Kuko Imana yabamenye kera, ibatoraniriza gusa n’Umwana wayo imbere y’igihe, kugira ngo abe imfura muri bene Se benshi.


Uku ni ko Imana yatweretse urukundo rwinshi idukunda: yatumye umwana wayo w’ikinege mw’isi kugira ngo tugire ubugingo budashira ku bwiwe.


Nta muntu n’umwe yigeze abona Imana. Ariko Umwana w’ikinege, na we ubwiwe asanzwe ari Imana, akaba ari mu gikiriza ca Se, ni we yayiduhishuriye.


Ni co gituma igihe Kristo yaza mw’isi yavuze ati: “Ibimazi n’amashikanwa si vyo washatse, ariko wanteguriye umubiri;


Kuko Imana yakunze abari kw’isi cane, bituma itanga Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo uwumwizera wese ntaranduke, ariko aronke ubugingo budashira.


Ni nde mu bamarayika Imana yigeze ivugako iti: “Uri Umwana wanje; uwu musi ndakuvyaye”? Canke iti: “Nzomubera Se, na we azombera Umwana”?


Kandi ubu Butumwa Bwiza bw’Ubwami buzovugwa kw’isi yose, kugira ngo bubere ikimenyetso amahanga yose, hanyuma umuhero uzoca uza.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite