11 Ivyo bizoshira, ariko wewe wamaho. Vyose bizosaza nk’impuzu.
11 Ivyo bizoshira, ariko weho uzokwamaho; Ivyo vyose bizosāza nk’impuzu,
Ijuru n’isi bizokurwaho, ariko amajambo yanje ntazokwigera akurwaho.
Hanyuma nca mbona “ijuru rishasha n’isi nshansha,” kuko ijuru rya mbere n’isi ya mbere vyari vyakuweho, kandi nta n’ikiyaga cari kikihari.
Ibi bisigura ko ibishobora kunyiganyizwa vyose bizokurwaho, kugira ngo ibidashobora kunyiganyizwa bigumeho.
Hanyuma nca mbona intebe y’inganji nini cane, mbona n’uwuyicayeko. Ijuru n’isi birahunga biva imbere yiwe, ntivyasubira kuboneka.
Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Simuruna uti: Uwa mbere akaba n’uwa nyuma, uwapfuye akazuka, aravuga ati.
riti: “Wandike mu gitabu ivyo ubona vyose maze ubirungikire amashengero indwi mu bisagara vya Efeso, Simuruna, Perugamo, Tuwatira, Sarudi, Filadelufiya, na Lawodikiya.”
Imana ivuze ko iri sezerano ari “rishasha,” ivyo bisigura ko yahinduye ubusa irya mbere; kandi ikimaze guhinduka ubusa kiba kigira kizimangane.