Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




3 Yohana 1:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Mugenzi nkunda, werekana ubwizigirwa mu vyo uriko urakorera bene Data, naho ari abanyamahanga kuri wewe.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Mukundwa, wama uyoboka mu vy’ ukorera bene Data vyose, kand’ ar’ injabuka:

Gade chapit la Kopi




3 Yohana 1:5
13 Referans Kwoze  

None rero, uko akaryo kose kabonetse, tugirire neza bose, na canecane abo mu nzu y’abizera.


Kandi ivyo mukora vyose, mu mvugo no mu ngiro, mubikore mw’izina ry’Umwami wacu Yesu, mushima Imana Data wa twese ku bwiwe.


Umwami Yesu aramwishura ati: “Mbega umunyabigega w’umwizigirwa kandi w’umunyabwenge ni nde? Ni uwo shebuja ashobora guha ubukuru bwo kuganza abandi bakozi no kubagaburira mu gihe gikwiye.


Mbega umukozi w’umwizigirwa kandi w’umunyabwenge ni nde? Ni uwo shebuja ashobora guha ubukuru bwo kuganza abandi bakozi no kubagaburira ku mwanya.


Muri iyo misi, Petero ahagarara hagati y’abizera (bashika nk’ijana na mirongo ibiri),


Mufashe bene Data mu vyo bakenye kandi mwakirane hagati yanyu.


Ntimwibagire kwakirana urukundo ingenzi, kuko bamwe mu babikoze bakiriye abamarayika batabizi.


Naranezerewe cane igihe bamwe muri bene Data baza bakambwira ingene uri umwizigirwa kandi ugendera mu kuri.


Ninaza, nzoshira ahabona ivyo ariko arakora, ibibi n’ibinyoma akwiragiriza atuvuga nabi. Uretse ko we ubwiwe yanka kwakira bene Data, ahubwo abuza n’abashaka kubakira, akanabataramura mw’ishengero.


Wa mukozi yaronka italanto zitanu z’amahera, aragenda arazicururisha yunguka izindi zitanu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite