Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




3 Yohana 1:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Jewe umutama w’Ishengero, Ndakwandikiye wewe Gayo, uwo nkunda mu kuri.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Jewe umushingantahe ndakwandikiye Gayo umukundwa, nkunda vy’ukuri.

Gade chapit la Kopi




3 Yohana 1:1
9 Referans Kwoze  

Bana nkunda, urukundo rwacu ntirukwiye kuba urwo mu majambo n’akarimi gasosa gusa; ahubwo rukwiye guserukira mu bikorwa no mu kuri.


Ndashimira Imana ko ata n’umwe nabatije muri mwebwe kiretse Kirisipo na Gayo,


Gayo, ampaye indaro hamwe n’ishengero ryose rikoranira iwe barabaramutsa. Erasito, umunyabigega w’igisagara, hamwe na mwene Data Kwarito barabaramutsa. [


Mu mwanya muto igisagara cose cuzura imigumuko. Abantu bose biruka baja mu kibaza c’ibirori, bagenda barakwega Gayo na Arisitariko, abari bagendanye na Pawulo kuva i Makedoniya.


ajana na Sopatero mwene Puro w’i Beroya, na Arisitariko na Sekundo b’i Tesalonike, na Gayo w’i Derube, na Timoteyo, na Tukiko na Tirofimo bo muri Aziya.


Nuko barabishitsa, barungikira infashanyo zabo abakuru b’ishengero ry’i Yerusalemu, zitwawe na Baranaba na Sawuli.


Abarongozi b’ishengero bari muri mwebwe ndabinginga nk’umwe mu bo basangiye igikorwa, nkaba n’icabona c’imibabaro ya Kristo kandi nkaba niteze kuzosangira na we ubwiza buzohishurwa:


Mugenzi nkunda, ndakwipfuriza kugira amagara meza no kuroranirwa mu mubiri, nk’uko impwemu yawe imerewe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite