Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




2 Yohana 1:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Uru rukundo mvuga rusigura kwitondera amabwirizwa y’Imana, kandi yadutegetse gukundana, nk’uko mwavyumvise kuva mu ntango.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Uru ni rwo rukundo, n’uko tugenda dukurikira ivyagezwe na we. Ico ni co cagezwe, nk’uko mwumvise uhereye mbere na mbere, ko mukigenderamwo.

Gade chapit la Kopi




2 Yohana 1:6
14 Referans Kwoze  

Kuko gukunda Imana ni ukwitondera amabwirizwa yayo, kandi amabwirizwa yayo ntaremeye,


Mwebwe, nimuzigame mu mitima yanyu ivyo mwigishijwe kuva mu ntango. Nivyagenda uko, namwe muzoguma mu Mwana no muri Data.


Ariko umuntu wese yitondera ijambo ryiwe aba yerekanye ko akunda Imana n’umutima wiwe wose. Ico ni co kitwemeza ko turi muri we.


Nimwakurikiza amabwirizwa yanje, muzoguma mu rukundo rwanje, nk’uko nanje nakurikije amabwirizwa ya Data nkaguma mu rukundo rwiwe.


Nimwaba munkunda, nimushire mu ngiro amabwirizwa yanje.


Muzoba muri abakunzi banje nimwakora ivyo mbategeka.


Umuntu wese yakira amabwirizwa yanje akayashira mu ngiro, ni we ankunda. Kandi uwunkunda Data azomukunda. Nanje nzomukunda ndanamwiyereke.”


Kandi uko tuzi ko itwumva iyo dusenze, ni ko tuzi kandi ko iduha ico tuyisavye.


Ubu na ho ga mupfasoni, sindakwandikiye ibwirizwa rishasha, ahubwo ndakwandikiye kimwe twakira kuva mu ntango: ko dukwiye gukundana.


Yesu aramwishura ati: “Uwunkunda azoshira mu ngiro inyigisho zanje. Data azomukunda, kandi twe na Data tuzoza tubane na we.


Bakundwa, sindabandikiye ibwirizwa rishasha, ahubwo ni ibwirizwa rya kera mwumvise kuva mu ntango. Iryo bwirizwa rya kera ni bwo butumwa mwumvise.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite