Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




2 Yohana 1:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Ubu na ho ga mupfasoni, sindakwandikiye ibwirizwa rishasha, ahubwo ndakwandikiye kimwe twakira kuva mu ntango: ko dukwiye gukundana.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Kandi none ndakwinginga mukamakare, si nk’ūkwandikira icagezwe gisha, ariko n’ico twamanye uhereye mbere na mbere, ngo dukundane.

Gade chapit la Kopi




2 Yohana 1:5
17 Referans Kwoze  

Ubu ni bwo butumwa twumvise kuva mu ntago: dukundane.


Naho ku bijanye n’urukundo mu bavukana, ntitwokwirirwa turabibandikirako vyinshi, kuko Imana yo nyene yabiyigishirije ingene mukwiye gukundana.


Ibwirizwa ryanje ni iri: Nimukundane nk’uko nabakunze.


Ibwirizwa ryayo ni iri: ko twizera izina ry’Umwana wayo, Yesu Kristo, kandi tugakundana nk’uko yadutegetse.


Umuntu wese avuga ko akunda Imana ariko akanka mwene Data wundi, uwo ni umubeshi. Kuko umuntu adakunda mwene Data abona, ntashobora gukunda Imana atabona.


Ariko ikiruta vyose, mushishikare gukundana, kuko urukundo rupfuka ivyaha vyinshi.


ku kwubaha Imana mwongereko kugiriranira igishika; ku kugiriranira igishika mukwongereko urukundo.


Tubandanye gukundana nk’abavukana.


kandi mugendere mu nzira y’urukundo, nk’uko Kristo yadukunze akitanga ku bwacu ngo abe ubumote bwiza n’ikimazi bihabwa Imana.


Ariko ivyamwa vya Mpwemu Yera ni ibi: urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, ingeso nziza, kugira neza, ubwizigirwa,


Iri ni ryo bwirizwa ryanje: Nimukundane.


Jewe umutama w’ishengero, Ndakwandikiye mupfasoni watoranijwe n’Imana n’abana bawe, abo nkunda mu kuri, kandi umuntu wese azi ukuri arabakunda,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite