2 kuko ukuri kuba muri twebwe kandi kuzogumana natwe ibihe bidashira:
2 kubg’ ukuri kuba muri twebge, kukazogumana natwe ibihe bidashira.
Kandi isi iriko iraherana n’ivyipfuzo vyayo. Ariko umuntu wese akora ivyo Imana ishaka abaho ibihe bidashira.
Ndabandikiye mwebwe bana bato, kuko muzi Data. Ndabandikiye mwebwe bavyeyi, kuko muzi Kristo yamyeho kuva mu ntango. Ndabandikiye mwebwe rwaruka, kuko mufise inkomezi, kandi ijambo ry’Imana rikaba mu mitima yanyu, ndetse mwaranesheje wa mubi.
Iyo tuvuze ko ata caha dufise, tuba twibesha kandi ukuri ntikuba kuri muri twebwe.
Nzokwama ndabibutsa ivyo bintu, naho mubizi kandi mumaze gushinga imizi mu kuri mufise ubu.
Nama nibuka ukwizera kwawe kwabanje kuba muri nyokuru wawe Lowisi no muri nyoko Ewunike, kandi ndizera ntakekeranya ko kuri no muri wewe.
Ijambo rya Kristo ribe muri mwebwe rigwiriye, mwigishanye kandi muhanurane mu bwenge bwose, muririmba amazaburi n’indirimbo n’amatazirano y’impwemu mushima Imana mu mitima yanyu.
Kuko iyo tuvuga ubutumwa, ntitwivuga twebwe nyene. Ariko twigisha ko Yesu ari Umwami, natwe tukaba abakozi banyu ku bwa Kristo.
Ibi vyose ndabikora kugira Ubutumwa Bwiza bukwire hose, maze nanje nze mpabwe imigisha ijana na bwo.
Nimwaguma muri jewe, amajambo yanje akaguma muri mwebwe, muze musabe ico mushaka cose, kandi muzogihabwa.
Nanje nzosaba Data abahe uwundi Mwitsa azobana namwe ibihe vyose,