Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




2 Yohana 1:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Mfise vyinshi nshaka kubabwira, ariko sinshaka kubibandikira. Nizera ko nzobagendera tuvugana amaso mu yandi, kugira ngo umunezero wacu ube uwuzuye.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Naho nari mfise vyinshi vyo kubandikira, singomvye kuvyandikisha wino ku rupapuro: ariko nizigiye kuzoza i wanyu ngo tuvugane imbonankubone kugira ng’umunezero wanyu ube uwuzuye.

Gade chapit la Kopi




2 Yohana 1:12
15 Referans Kwoze  

Mfise vyinshi nashaka kubabwira, ariko ntimushobora kuvyihanganira ubu.


Ibi ndabibabwiye kugira ngo umunezero wanje ube muri mwebwe, kandi umunezero wanyu wuzure.


Ibi tuvyanditse kugira ngo umunezero wacu ube uwuzuye.


Ariko canecane ndabinginze munsengere kugira ngo Imana ize inshoboze kugaruka iwanyu.


Ndiko ndategura kuja muri Esupanye maze mpite ndabaramutsa. Nitwamarana inkumbu, muzoheza mumfashishe ivyankenerwa kugira mbandanye urugendo.


Data, ubu ndaje aho uri, ariko mvuze aya majambo nkiri mw’isi kugira ngo bagire umunezero wanje kandi bawugire wuzuye.


Gushika ubu nta kintu na kimwe murasaba mw’izina ryanje. Nimusabe muzohabwa, kugira ngo umunezero wanyu wuzure.


Ndashaka ko mumenya ko mwene Data Timoteyo yarekuwe atakiri mw’ibohero. Niyashika aho ndi vuba, tuzozanana kubaramutsa.


Kandi untegurire icumba, kuko nizera ko Imana izokwishura amasengesho yawe, maze ikandekura nkagaruka iwanyu vuba.


Nama nibuka amarira yawe igihe twatandukana, bikantera kwipfuza gusubira kukubona kugira ngo nuzure umunezero.


Erega umugeni ni uw’umukwe. Ariko umugenzi ahagarikiye umukwe amuhagarara i ruhande akamwumviriza, akanezerwa no kwumva ijwi ryiwe. Uwo ni wo munezero wanje kandi uruzuye.


Ninaza, nzoshira ahabona ivyo ariko arakora, ibibi n’ibinyoma akwiragiriza atuvuga nabi. Uretse ko we ubwiwe yanka kwakira bene Data, ahubwo abuza n’abashaka kubakira, akanabataramura mw’ishengero.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite