Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




2 Yohana 1:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Jewe umutama w’ishengero, Ndakwandikiye mupfasoni watoranijwe n’Imana n’abana bawe, abo nkunda mu kuri, kandi umuntu wese azi ukuri arabakunda,

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Jewe umushingantahe ndakwandikiye, mukamakare watoranijwe, mwe n’abana bawe abo nkunda vy’ukuri; kandi si jewe jenyene mbakunda, ariko n’abazi ukuri bose barabakunda,

Gade chapit la Kopi




2 Yohana 1:1
25 Referans Kwoze  

Bana nkunda, urukundo rwacu ntirukwiye kuba urwo mu majambo n’akarimi gasosa gusa; ahubwo rukwiye guserukira mu bikorwa no mu kuri.


yo ishaka ko abantu bose bakizwa bagashika ku kumenya ukuri.


Muzomenya ukuri, na kwo kuzobaha ukwidegemvya.”


Ubu na ho ga mupfasoni, sindakwandikiye ibwirizwa rishasha, ahubwo ndakwandikiye kimwe twakira kuva mu ntango: ko dukwiye gukundana.


Abarongozi b’ishengero bari muri mwebwe ndabinginga nk’umwe mu bo basangiye igikorwa, nkaba n’icabona c’imibabaro ya Kristo kandi nkaba niteze kuzosangira na we ubwiza buzohishurwa:


Abana b’umuvukanyi wawe, umupfasoni yatoranijwe n’Imana, barakuramutsa.


Sindabandikiye kuko mutazi ukuri, ariko ndabandikiye kuko mukuzi kandi kubera ata kinyoma kiva mu kuri.


Imana Data yabamenye kuva kera irabatoranya, Mpwemu wayo arabeza kugira ngo mwumvire Yesu Kristo mwogejwe n’amaraso yiwe: Ubuntu n’amahoro bibe muri mwebwe bisesekaye.


Kuko nitwabandanya dukora ivyaha ibigirankana kandi tumaze kumenya ukuri, nta kimazi co gukura ivyaha kizoba kigisigaye.


Mwariko mugenda neza mu rugendo rwanyu. None ni nde yabatangiriye akababuza kwumvira ukuri?


Mbega mwa Bagalatiya b’ibijuju, ni nde yabaroze? Ndazi neza ko ivy’urupfu rwa Yesu Kristo mwabishikirijwe neza nk’aho mwamwiboneye abambwe ku musaraba.


Maze kubona ko batariko bakorera mu kuri kw’Ubutumwa Bwiza, nabwiye Kefa imbere y’abari aho bose nti: “Nimba wewe Umuyuda, wahevye imigenzo y’Abayuda ukabaho nk’Umunyamahanga, ni kuki ugoberera Abanyamahanga gukurikiza imigenzo y’Abayuda?


Ntitwigeze tubibemerera n’akanya isase, kugira ngo ukuri kw’Ubutumwa Bwiza kuzigamwe ku bwanyu.


Ukwo kwizera n’urwo rukundo vyubakiye ku kwizigira ivyo Imana ibabikiye mw’ijuru. Ivyo vyizigiro na vyo mwabikuye mw’ijambo ry’ukuri mwumvise, ari ryo Butumwa Bwiza.


Ni co gituma nanje, maze gutohoza neza uko vyagenze vyose kuva mu ntango, nahisemwo kukwandikira inkuru y’ukuri kandi itomoye, nyakwubahwa Teyofilo,


Nuko barabishitsa, barungikira infashanyo zabo abakuru b’ishengero ry’i Yerusalemu, zitwawe na Baranaba na Sawuli.


Muntahirize Rufusi, yatoranijwe mu Mwami, hamwe na nyina kandi nanje yahavuye ambera mama.


Ishengero riri i Babiloni ryatoranijwe n’Imana rirabaramutsa, n’umwana wanje Mariko na we arabaramutsa.


Jewe umutama w’Ishengero, Ndakwandikiye wewe Gayo, uwo nkunda mu kuri.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite