Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




2 Petero 3:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Bazoba bavuga bati: “Ukwo ‘kugaruka’ yasezeranye kuri he? Kuva aho ba sogokuruza bapfiriye, vyose bihora uko vyamye ubwa mbere isi ikiremwa.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 babaza, bat’ Isezerano ryo kuza kwiwe riri hehe se? Kuk’ uhereye aho ba sogokuruza basinziririye, vyose bihora uko vyamye, uhereye ku kuremwa kw’isi.

Gade chapit la Kopi




2 Petero 3:4
20 Referans Kwoze  

Ariko vyogenda gute hamwe uwo mukozi yokwibwira mu mutima ati: ‘Databuja yatevye kugaruka,’ hanyuma agatangura gukubita abandi bakozi, akirira, akinywera, akiborererwa?


Ariko vyogenda gute hamwe yoba ari umukozi mubi, maze akibwira mu mutima wiwe ati: ‘Databuja yatevye kugaruka,’


Mbega ikidutera ivyizigiro n’umunezero canke igitsibo tuzokwirata imbere y’Umwami wacu Yesu Kristo igihe azozira ni ikihe? Si mwebwe?


azoba ari imisi y’umubabaro n’agahinda bitigeze kubaho kuva Imana irema isi kugeza ubu, kandi bitazosubira kubaho.


Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Lawodikiya uti: Uwitwa Amen, umwizigirwa kandi icabona c’ukuri, uwuganza ivyaremwe n’Imana vyose, aravuga ati.


Ariko Imana yaremye ‘umugabo n’umugore kuva mu ntango y’irema.’


Aho umuvyimba uzoba uri, ni ho ibisiga vy’amero bizokoranira.


Kuko Umwana w’Umuntu agiye kugaruka ari mu bwiza bwa Se, ari kumwe n’abamarayika biwe, hanyuma ahe impembo umuntu wese ikwiranye n’ivyo yakoze.


Ndababwire ukuri, bamwe mu bahagaze ngaha ntibazopfa batabonye Umwana w’Umuntu aje ari mu bwami bwiwe.”


Aca agwa apfukamye, asemerera ati: “Mwami, ntubaharureko iki caha.” Ahejeje kuvuga ivyo, aca aracikana.


mu kurindira uwo musi w’Imana no gukora ibishoboka ngo ushike vuba. Uwo musi uzotuma amajuru asamburwa n’umuriro, kandi ibiri muri yo bitongorwe n’ikibengebenge gikomeye c’umuriro.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite