Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




2 Petero 3:15 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Mumenye ko ukwihangana kw’Umwami wacu ari agakiza, nk’uko umuvukanyi dukunda Pawulo na we yabibandikiye akoresheje ubwenge yahawe n’Imana.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Mwiyumvire yuko kwihangana kw’Umwami wacu ar’ agakiza: nk’uko mwene Data akundwa Paulo yabandikiye, uk’ ubgenge yahawe bungana.

Gade chapit la Kopi




2 Petero 3:15
27 Referans Kwoze  

Canke ntubona ingene Imana igira neza, yihangana kandi idahaniraho? None ivyo nta co bikubwiye? Mbega ntubona ko mu kugira neza kwayo Imana ishaka kugushikana ku kwihana ivyaha vyawe?


Imana ntitebeje gushitsa isezerano ryayo, nk’uko bamwe biyumvira ko iritebeje. Yihanganira mwebwe, kuko idashaka ko hari n’umwe aranduka, ariko ishaka ko bose bashika ku kwihana.


Ariko Imana yangiriye ubuntu kugira ngo muri jewe, umunyavyaha ruhebwa, Kristo Yesu yerekane akarorero k’ukwihangana kwiwe kutagira iherezo kuri abo bose bazomwizera bakaronka ubuzima budahera.


z’abantu banse kwumvira Ubutumwa Bwiza, igihe Imana yari icihanganiye abantu, aho Nowa yubaka ubwato. Abantu umunani gusa bari muri bwo ni bo barokotse bakira umwuzure.


Ariko ubwenge buva mw’ijuru ubwa mbere na mbere buratunganye rwose; bukunda amahoro, ntibwishira imbere, buciye bugufi, bwuzuye imbabazi, bwama ivyamwa vyiza, ntibugira nkunzi, ntibugira uburyarya.


kuko nzobaha amajambo n’ubwenge bizotuma abababuranya badashobora kubahaririza canke ngo babahinyuze.


Nihaba hariho uwo muri mwebwe akeneye ubwenge bw’Imana, akwiye kubusaba Imana, kuko itanga cane kandi ibikunze. Nta we itera imiragwe kuko ayisavye, kandi azobuhabwa.


Ni co gituma twumvikanye gutoranyamwo abo dutuma, bazananye na bene Data dukunda cane, ari bo Baranaba na Pawulo,


Ivyo tubabwira ntitubivugisha ubwenge bw’abantu, ariko tubabwira ivyo duhawe na Mpwemu, tukabivuga mu kuri kwa Mpwemu, dukoresheje n’amajambo duhawe na Mpwemu.


kandi iryo ni ibanga nahishuriwe, nk’uko namaze kuvyandikako mu ncamake.


Bamwe bahawe na Mpwemu gutanga impanuro zirimwo ubwenge, abandi uwo Mpwemu nyene abaha ubumenyi budasanzwe,


Kubera ubuntu nagiriwe n’Imana, nashizeho urufatiro nk’umwubatsi w’umuhinga, hanyuma haza uwundi na we akaba ariko ararwubakako. Ariko uwurwubakako wese yiyubare uburyo arwubakako.


maze imukiza amarushwa yiwe yose. Imuha ubwenge budasanzwe n’ikiganza ciza kuri Farawo, umwami wa Egiputa, na we amuha ubutware kuri Egiputa yose no mu bakozi biwe.


Nuko Ananiya aca aja kuri ya nzu arinjira. Arambika ibiganza kuri Sawuli, avuga ati: “Mwene Data Sawuli, Umwami Yesu, uwakwiyeretse uri mu nzira uza, yakuntumyeko kugira ngo uhumuke kandi wuzure Mpwemu Yera.”


Ndagomba kubibutsa amajambo yavuzwe kera n’abavugishwa n’Imana bera hamwe n’ibwirizwa ry’Umwami wacu n’Umukiza yabashikirije acishije mu ntumwa zabatumweko.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite