Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




2 Petero 2:21 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Icari kuba ciza kuri bo ni uko boba batigeze bamenya inzira y’ukugororoka, kuruta kuba barayimenye hanyuma bagatera ibitugu rya bwirizwa bari barashikirijwe.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Icobaye ciza kuri bo, iyaba batigeze kumenya inzira yo kugororoka, hako basubira inyuma, bamaze kuyimenya, bagata icagezwe cera bāhawe.

Gade chapit la Kopi




2 Petero 2:21
24 Referans Kwoze  

Umuntu wese azi iciza yategerezwa gukora ntagikore, aba acumuye.


Uwo mukozi yari asanzwe azi ivyo shebuja agomba hanyuma ntavyitegurire ngo abikore, azohanwa bikomeye.


Iyo ntaza nkavugana na bo, ntibokwagirijwe icaha. Ariko noneho nta co bafise bireguza ku caha cabo.


Kuko murazi ivyo twabigishije turi mu bubasha bw’Umwami Yesu.


Yesu arabishura ati: “Iyo muba impumyi, ntimwokwagiriwe n’icaha, ariko ko mwemeza ko mubona, icaha canyu kigumaho.”


Kuko Yohana yaje akabereka inzira yo kugororoka, ariko ntimwamwemeye, yamara abatozakori n’abamaraya baramwemeye. Ivyo mumaze kubibona, ntimwihanye ivyaha vyanyu ngo mumwizere.


Ariko naho biri uko, ivyagezwe biratunganye, kandi n’amabwirizwa yavyo aratunganye, aragororotse kandi ni meza.


Mwikoreranire imitwaro, ni ho muzoba mushikije icagezwe ca Kristo.


ngo ukurikize ivyo ndakugeze, utagira umugayo gushika aho Umwami wacu Yesu Kristo azohishurirwa.


Kuko nitwabandanya dukora ivyaha ibigirankana kandi tumaze kumenya ukuri, nta kimazi co gukura ivyaha kizoba kigisigaye.


Ndagomba kubibutsa amajambo yavuzwe kera n’abavugishwa n’Imana bera hamwe n’ibwirizwa ry’Umwami wacu n’Umukiza yabashikirije acishije mu ntumwa zabatumweko.


Bene Data nkunda, naho nari nipfuje cane kubandikira ku bijanye n’agakiza dusangiye, numvise ngoberwa kwandika ndabahimiriza ngo mugwanire ukwizera abera b’Imana bahawe rimwe rizima.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite