Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




2 Petero 2:19 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Babasezeranira umwidegemvyo, ariko na bo ubwabo bakiri abagurano b’ivyonona (kuko umuntu wese ni umugurano w’ikimuganza ico ari co cose).

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Babasezeranira umwidegemvyo, arik’ ubgabo n’abagurano b’ibiboza: kukw icānesheje umuntu kiba kimuhinduye umugurano waco.

Gade chapit la Kopi




2 Petero 2:19
14 Referans Kwoze  

Yesu arabishura ati: “Ndababwire ukuri, umuntu wese akora icaha ni umugurano waco.


Bene Data, mwebwe mwahamagariwe kwidegemvya. Ariko uwo mwidegemvyo ntubatere kurondera guhaza ivyipfuzo vya kamere k’icaha. Ahubwo urukundo rukwiye gutuma mukorera bagenzi banyu.


Mubeho mu mwidegemvyo, ariko uwo mwidegemvyo wanyu ntube uwo guhisha ububi; ahubwo mubeho nk’abeguriwe Imana.


Kristo yatubohoye kugira ngo aduhe umwidegemvyo. Hagarara mushikamye rero, ntimwongere kwemera umuntu n’umwe asubira kubaremereza imitwaro y’ubuja bw’ivyagezwe.


Natwe twahora turi imburabwenge, turi abagarariji, twarahenzwe twongera tugirwa imbohe n’ivyipfuzo vy’ibihimbaro vy’ubwoko bwose. Twari twuzuye ubugunge n’ukwipfuza, twankwa kandi twankana hagati yacu.


maze bakabona kwisubirako, bakava mu mutego wa Satani, kuko baba bagizwe imbohe zo gukora ivyo ashaka vyose.


Ko bari barahunze bakava mu bibonona vy’iyi si babihawe no kumenya Umwami n’umukiza wacu Yesu Kristo, hanyuma bakongera kubohwa na vyo kandi bakaba baratsinzwe, ubu babaye babi kurusha ubwa mbere.


Wa muntu yarimwo impwemu mbi aca abasimbirako, abarusha inkomezi, arabakubita gushika aho bahunga inzu barimwo bari gusa, bavirirana.


Ni muri ivyo nyene yaduhereye amasezerano yiwe ahambaye kandi y’agaciro kanini, kugira ngo muri vyo namwe mugire akamere k’Imana ngo muhunge muve mu kwononekara kw’iyi si kwazanywe n’ivyipfuzo bibi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite