Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




2 Petero 2:17 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Abo bantu bameze nk’amasoko yakamye n’ibicu bikubebwa n’umuyaga. Kandi babikiwe umwijima w’umuzitanya.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Abo n’amasōko akamye, kandi n’ibipfungu bikubebga n’igihuhuta, barindirijwe umwiza w’umuzitanya.

Gade chapit la Kopi




2 Petero 2:17
11 Referans Kwoze  

Aho rero ni ho tutazosubira kumera nk’inzoya, ngo dukubebwe tujanwa hirya no hino n’imipfunda, twongera tuzungagizwa n’umuyaga uwo ari wo wose w’inyigisho z’ibinyoma n’amayeri vy’abantu bazimiza.


Kandi n’abamarayika batagumye mu bibanza Imana yabashizemwo, ariko bagahitamwo kubivamwo, Imana yabugaraniye ahantu h’umwijima, baboshwe n’iminyororo y’ibihe bidashira, barindiriye wa musi uhambaye w’imanza.


Kuko nimba Imana itihanganiye abamarayika igihe bacumura, ariko ikabaterera muri Gehinomu, mu minyororo y’umwijima gushika ku musi w’imanza.


Uwo mukozi w’imburakimazi na we nimumute hanze mu mwijima ahazoba amarira no guhekenya amenyo kubera umubabaro.’


Umwami aca abwira abakozi biwe ati: ‘Nimumubohe amaboko n’amaguru, mumuterere hanze mu mwijima, ahazoba amarira no guhekenya amenyo kubera umubabaro.’


mu gihe abari bateguriwe ubwo bwami bazoba baterewe hanze, mu mwijima aho bazokwama baboroga kandi bahekenya amenyo kubera umubabaro.”


Ntimwegereye umusozi umuntu ashobora gukorako: nta mbeya z’umuriro, nta mwijima, nta joro, nta mituragaro,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite