Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




2 Petero 1:19 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Kandi dufise n’ijambo ry’ubuvugishwa rirushaho kuba iryo kwizerwa. Namwe muzoba mugize neza nimwaryumvira kuko rimeze kurya kw’itara rimurikira ahantu hari umwijima, gushika umutwenzi ubonetse, aho inyenyeri yo mu gaturuturu izoserukira mu mitima yanyu.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Ariko turafise ijambo ryavugishijwe, ryarakomejwe kurushiriza. Mugira neza ko murishirak’ umutima, ni nk’itara ryākira ahacuze umwiza, rigakesha ijoro, rikageza ah’ ikinyenyeri co mu gaturuturu kizobandurira mu mitima yanyu:

Gade chapit la Kopi




2 Petero 1:19
27 Referans Kwoze  

Ni jewe Yesu, narungitse umumarayika wanje ngo aguhe ubu butumwa ubushire amashengero. Nkomoka mu muryango wa Dawidi na samuragwa w’ingoma yiwe, nkaba n’Inyenyeri yakaka yo mu mutwenzi.”


Mwiga Ivyanditswe n’umwete mwinshi kuko mwibaza ko bishobora kubaha ubugingo budashira. Ivyo Vyanditswe nyene ni vyo binshingira intahe,


kandi nzomuha n’inyenyeri yo mu mutwenzi.


Yohana yari nk’itara ryaka rikabonesha, kandi mwamaze igihe munezererewe umuco wiwe.


abantu bahora bicaye mu mwijima, babonye umuco mwinshi, kandi ababa mu gihugu c’igitutu c’urupfu, umuco warabarasiye.”


Nuko Yesu abandanya yigisha ba bantu, ababwira ati: “Jewe ndi umuco w’isi. Uwunkurikira ntazogendera mu mwijima, ahubwo azoronka umuco w’ubugingo.”


Umuntu wese yizera Umwana w’Imana arazi mu mutima wiwe ko iyo intahe ari iy’ukuri. Ariko umuntu wese atizera Imana aba ayigize umubeshi, kuko atizeye intahe Imana yashingiye Umwana wayo.


Ivy’ako gakiza, abavugishwa n’Imana ba kera, ari bo bavugishijwe ivyerekeye ubwo buntu mwagira muhabwe, baragerageje kubirondera no kubimenya.


Mugira neza, nimwaba vy’ukuri mukizigamye ca cagezwe kiri mu Vyanditswe kivuga ngo: “Ukunde mugenzawe nk’uko wikunda.”


Abantu b’i Beroya bari bugurutse kurusha ab’i Tesalonike, kuko bakiriye Ubutumwa Bwiza n’ishaka ryinshi, bakama basesangura Ivyanditswe ku musi ku musi, kugira ngo barabe ko ivyo Pawulo abigisha ari ivy’ukuri.


Muze mwirinde kurya ivyaterekerewe ibigirwamana, amaraso canke inyama z’ibikoko binizwe, kandi mwirinde ingeso mbi z’ubusambanyi. Nimwavyirinda muzoba mugize neza. Turabasezeye.


Na bo bashingiye intahe urukundo rwawe imbere y’ishengero. Ndakwinginze ubandanye ubashigikira mu vyo bakeneye mu buryo bunezereza Imana,


Nimba ubutumwa Imana yarungikanye abamarayika bwabonetse ari ukuri, kandi ukugarariza kwose n’ukutumvira kwose bikaronka igihano bikwiranye,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite