Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




2 Petero 1:17 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Yahawe na Data Imana, icubahiro n’ubwiza, igihe ijwi rivuye mu bwiza burengeje ryavuga riti: “Uwu ni Umwana wanje, nkunda cane kandi ampimbara.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Kuko yahawe n’Imana Data wa twese ishimwe n’ubgiza, ah’ ijwi rivuzwe n’ubgiza bukomeye cane ryamushikako, rikavuga, ngo Nguyu Umwana wanje nkunda akampimbara.

Gade chapit la Kopi




2 Petero 1:17
36 Referans Kwoze  

Maze haza igicu kirabatwikira, hanyuma ijwi ryumvikanira muri ca gicu, rivuga riti: “Uwu ni Umwana wanje nkunda cane. Nimumwumvirize!”


Akiriko aravuga, haza igicu cera derere kirabatwikira. Hanyuma ijwi ryumvikanira muri ico gicu, rivuga riti: “Uwu ni Umwana wanje nkunda cane kandi ampimbara. Nimumwumvirize!”


Hanyuma ijwi ryumvikana rivuye mw’ijuru rivuga riti: “Uwu ni Umwana wanje nkunda, akampimbara.”


Mpwemu Yera amanuka kuri we mw’ishusho y’inuma. Maze ijwi ryumvikana rivuye mw’ijuru riti: “Uri umwana wanje nkunda kandi urampimbara.”


Maze ijwi ryumvikana rivuye mw’ijuru riti: “Uri Umwana wanje nkunda, ukampimbara.”


“Ng’uwu umukozi wanje natoranije, uwo nkunda kandi umutima wanje unezerererwa. Nzomushirako Mpwemu wanje, na we azomenyesha amahanga ivy’ubutungane.


Se arakunda Umwana kandi yamuhaye kuganza vyose.


Nk’uko Data afise ubugingo muri we, ni ko yahaye Umwana kugira ubwo bugingo muri we.


Ubuntu, imbabazi n’amahoro biva ku Mana Data no kuri Yesu Kristo, Umwana wayo, bibandanye bibana natwe mu kuri no mu rukundo.


Data yaranyizigiye anzeza vyose. Nta n’umwe azi Umwana atari Data, kandi nta n’umwe azi Data atari Umwana, n’uwo Umwana ahisemwo kumuhishurira.”


Nihashimwe Imana, Se w’Umwami wacu Yesu Kristo, Data w’impuhwe n’ukwirura kwose,


Imana Se w’Umwami wacu Yesu Kristo, we akwiye gushimwa ibihe vyose, arazi ko mvuga ukuri.


Ndabasengeye ngo bose babe umwe; nk’uko wewe Data uri muri jewe nanje nkaba muri wewe, nibabe umwe muri twebwe, kugira ngo isi yizere ko wantumye.


Jewe Yuda, umukozi wa Yesu Kristo n’umuvukanyi wa Yakobo, Ndabandikiye mwebwe abahamagawe, mukundwa n’Imana Data kandi muzigamwe na Yesu Kristo:


Ntimugakorere ivyokurya bibora, ahubwo nimukorere ivyokurya bihoraho kandi bitanga ubugingo budashira, ivyo Umwana w’Umuntu azobaha, kuko Imana Data ari we yahaye ububasha bwo gukora ivyo.”


Kandi ivyo uwantumye ashaka ni ibi: ko ntatakaza n’umwe mu bo yampaye, ariko ashaka ko nzobazura ku musi wa nyuma.


Yesu aramubwira ati: “Ntumfatire, kuko ntaraja kwa Data. Ahubwo genda ubwire bene Data ko mvuze nti: ‘Ngiye kuduga kwa Data ari we So, Imana yanje ari yo Mana yanyu.’ ”


none vyocura iki ku wo Data yatoranije nk’uwiwe bwite hanyuma akamurungika kw’isi? Ni kuki munyagiriza ko ntutse Imana, mvuze nti: ‘Ndi Umwana w’Imana’?


Yesu aramwishura ati: “Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo. Nta n’umwe ashobora gushika kwa Data atanciyeko.


nk’uko Data anzi nanje nkamumenya. Ni co gituma ntanga ubugingo bwanje ku bwazo.


Ubwo nyene baja babona Mose na Eliya bariko bavugana na Yesu.


Nimube munyizera iyo ndababwiye ko ndi muri Data, Data na we akaba muri jewe; canke na ho, munyizere kubera ibikorwa mwabonye nkora.


Ariko abo Data yampaye bose, bazoza aho ndi kandi sinzokwigera ndabirukana.


kugira ngo mwese hamwe muhimbaze Imana Se w’Umwami wacu Yesu Kristo n’umutima umwe n’ijwi rimwe.


Nuko nimugende, muhindure amahanga yose abigishwa: mubabatize mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’irya Mpwemu Yera,


Kuko Se arakunda Umwana akamwereka ivyo ariko arakora vyose. Ndetse azomwereka ibikorwa bikomeye kuruta ibi, kugira ngo mwumirwe.


Uwo Mwana yerekana ugukayangana kw’ubwiza bw’Imana kandi ni we shusho nyayo iboneka y’ubumana bwayo. Vyongeye ni we ashigikije vyose ijambo ryiwe ry’inkomezi. Ahejeje gushiraho uburyo bwo kwoza ivyaha vyacu, yaciye yicara mu kibanza c’iteka i buryo bw’Imana y’icubahiro mw’ijuru.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite