Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




2 Korinto 8:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Ndabishingira intahe ko batanze uko bashoboye, ndetse n’ibirengeye uko bashoboye. Kandi batanze bavyishakiye bo nyene.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Kubgabo bāratanze nk’uko bashoboye, ndabibashingira intahe, kandi n’ukurusha ivyo bashoboye,

Gade chapit la Kopi




2 Korinto 8:3
22 Referans Kwoze  

Ariko sinashatse kugira ico nkoze ntakugishije inama, kugira ngo iciza cose wonkorera ugikore bivuye ku mutima, ata gahato.


Ku musi wa mbere w’indwi, umwe wese muri mwebwe arabika amahera ku yo yungutse. Ntimuzorindire ko nshika hiyo hanyuma ngo muce muyatoreza rimwe.


Nuko abigishwa bo muri Antiyokiya, bivanye n’ico umwe umwe wese ashoboye, bafata ingingo yo kurungikira imfashanyo abizera b’i Yudaya.


Mvuze ubutumwa bivuye ku mutima ubikunze, ndonka impera. Ariko ndabuvuze umutima utabikunze, kuba ari ukwikurayo.


mube abungere b’ubusho Imana yabajeje, muburagire ata gahato, ariko mufise umutima ubikunze, nk’uko Imana ishaka ko mubikora; mutarondera inyungu mbi, ariko nk’abakorera Imana nyene.


Woba wahawe ingabire yo kuvuga? Uvuge nk’aho Imana ari yo iriko ivugira muri wewe. Woba wahawe ingabire yo gufasha abandi, bikorane inkomezi zose Imana itanga. Ivyo bizotuma muri vyose Imana ihabwa icubahiro mw’izina rya Yesu Kristo. Icubahiro cose n’ubushobozi bibe ivy’Imana ubu n’ibihe bidashira! Amen.


Twarabakunze cane bituma tutababwira Ubutumwa Bwiza bw’Imana gusa, ahubwo twabahaye n’ubuzima bwacu na bwo.


Ndamushingira intahe ko yitanga ku bwanyu mwe n’ab’i Lawodikiya bose n’i Hiyerapolisi.


kuko Imana ari yo ikorera muri mwebwe, ikabaha ugushaka no gukora ivyo igomba.


Ndashobora gushinga intahe yuko bafise ishaka ryinshi mu vy’Imana, ariko iryo shaka ryabo ntirihagaze ku bumenyi nyakuri.


None umunezero mwari mufise kiriya gihe wagiye hehe? Ndabashingira intahe ko iyo biba ari ibishoboka, mwari kwinogora amaso yanyu mukayampa.


Akoze ivyo ashoboye. Asutse aya mavuta ku mubiri wanje imbere y’igihe, kugira ngo awutegurire guhambwa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite