Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




2 Korinto 2:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Nabandikiye kurya kugira ngo ninaza sinzobabazwe n’abonteye umunezero. Ndizera neza ko iyo nezerewe munezeranwa nanje.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Kandi nandikiye ivyo, kugira ngw aho nzozira noye guterwa umubabaro n’abari bakwiye kunnezereza: kuko mbizigira mwese yuk’ umunezero wanje ari wo wanyu mwese.

Gade chapit la Kopi




2 Korinto 2:3
17 Referans Kwoze  

Nizeye ko Imana izobarinda kwakira inyigisho zitari zo. Abariko babatera ukwo kuzazanirwa uko bari kwose bazobihanirwa.


Tubarungikanye kandi n’uwundi mwene Data twabonyemwo ishaka muri vyinshi. Noneho iryo shaka ryabaye ryinshi ku bw’ivyizigiro afise muri mwebwe.


Ndakwandikiye nizeye ko uzokora ivyo ndagusavye, ndetse n’ibirengeye.


Intumbero yanje rero ntiyari ukwandika ku bagize nabi canke abagiriwe nabi. Nabandikiye kugira ngo mu nyonga z’Imana umwitwarariko mudufitiye ugaragare.


Dufise ukwizera mu Mwami ko mukora kandi ko muzoshishikara mukora ivyo tubahanura.


Ndatinya kandi ko aho nzozira Imana izoncisha bugufi imbere yanyu, nkababazwa cane n’uko bamwe muri mwebwe batahevye ivyaha vyabo bakora kuva kera. Ntibihanye ivyonona, ubusambanyi, n’ibindi vy’isoni nke bakora.


Ndiko mvuga nk’imburabwenge, ariko ni mwebwe mwabitumye. Ni mwebwe mwari mukwiye kunshingira intahe kuko naho ata co ndi, sindi inyuma ya bose muri za ntumwa zihambaye.


Naho nabateye imibabaro mw’ikete nabarungikiye, sindavyicuza. Naho nari nicujije ubwa mbere kubera nari nabonye ko nabababaje, wari umubabaro w’akanya gato.


Ariko Imana itera intege abihebuye yaduhoresheje ukuza kwa Tito.


Kuko nari nzi neza ko mudutahura kandi mukatwizera, nari nateguye kubagendera kugira ngo mugirirwe ubuntu kabiri.


Mbega mugomba nzobagendere nzanye inkoni yo kubahana? Canke icoba ciza ni uko noza mfise umutima w’urukundo n’ubugwaneza?


Imana ni yo ntanzeko icabona, ndahiye ubuzima bwanje, ko ivyo ndababwira ari ukuri. Igituma ntagarutse i Korinto, kwari ukugira ngo sindabateko ishavu.


Ikindi catumye ndabandikira kwari ukubageza ngo ndabe ko mukurikiza ivyo nababwiye vyose.


Ndanezerewe cane kuko nshobora kubizera muri vyose.


Ni co gituma ndabandikira ibi tutari kumwe, kugira ngo ninaza sinze ndabakarire mu bubasha nahawe n’Umwami, kuko ari ububasha bwo kubakomeza atari ubwo kubasambura.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite