Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Yohana 5:8 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Mpwemu, amazi n’amaraso; kandi uko ari bitatu bishinga intahe imwe.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Kukw ibishinga intahe ari bitatu, Mpwemu n’amazi n’amaraso: kand’ ivyo bitatu bihuriza hamwe.

Gade chapit la Kopi




1 Yohana 5:8
14 Referans Kwoze  

Ariko nzobarungikira Umwitsa, ari we Mpwemu w’ukuri azoza avuye kwa Data. Uwo niyaza, azonshingira intahe.


Kandi uwo mwuzure ni ishusho y’umubatizo, ubakiza namwe uno musi. Si mu buryo bwo kubakurako imvyiro zo ku mubiri, ahubwo ni mu buryo bwo kwitaba umuhamagaro w’Imana n’umutima ukeye. Ivyo bishoboka kuko Yesu Kristo yazutse mu bapfuye.


Kuko Mpwemu ubwiwe avugana n’impwemu yacu akatwemeza ko turi abana b’Imana.


Bamwe mu bamwagiriza bagerageza kumubeshera, ariko ntibahuza ku vyo bamurega.


idushirako ikimenyetso co kuba abayo, igashira Mpwemu wayo mu mitima yacu nk’ingwati y’ivyo yadusezeraniye vyose.


Amajambo y’abavugishwa n’Imana aremeranya n’ivyo, kuko handitswe ngo:


Nuko nimugende, muhindure amahanga yose abigishwa: mubabatize mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’irya Mpwemu Yera,


Ni co gituma na Yesu yababarijwe kandi agapfira inyuma y’igisagara kugira ngo ashikane abantu biwe ku kwera akoresheje amaraso yiwe.


Ntibishoboka kugarukana ku kwihana abigeze kwakirwa n’umuco, bakumviriza ku ngabire zo mw’ijuru, bakakira ku vya Mpwemu Yera,


Umwe mu basoda acumita Yesu icumu mu rubavu, haseseka amaraso n’amazi.


Nimba twemera intahe ishinzwe n’abantu, intahe ishinzwe n’Imana yo irakomeye kurusha, kandi iyo ntahe yayishingiye Umwana wayo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite