21 Bana nkunda, mwirinde ikintu cose cotwara ikibanza c’Imana mu mitima yanyu.
21 Bana bato, mwirinde ibigirwamana.
None rero abo nkunda, mwirinde gusenga ibigirwamana.
Ntimugasenge ibigirwamana nk’uko bamwe muri bo babisenze, nk’uko handitswe ngo: “Baricaye bararya, baranywa, hanyuma barahaguruka barinezereza.”
kuko na bo nyene ubwabo bama bavuga ukuntu mwatwakiriye neza, n’ukuntu mwahevye ibigirwamana mugahindukirira Imana nzima kandi y’ukuri.
Ntudutererane ibitugerageza, uhubwo udukize wa mubi. [Kuko Ubwami, ubushobozi n’ubwiza ari ivyawe ibihe vyose. Amen.]
Ariko abasigaye batishwe n’ivyo vyago ntibihanye ibikorwa vyabo bibi bakoze n’amaboko yabo; ntibahevye gusenga abadayimoni n’ibigirwamana bikozwe mu nzahabu, mw’ifeza, mu mujumbu, mu mabuye no mu biti, bitabona, bitumva canke ngo bitambuke.
Bana banje nkunda, ndabandikiye ibi kugira ngo ntimukore icaha. Ariko bishitse umuntu agacumura, turafise uwutuburanira imbere ya Data: ni Yesu Kristo Umugororotsi.
Umwotsi w’ukubabazwa kwabo uzokwama upfunduka ibihe vyose. Abazosenga ico gikoko n’igishushanyo caco, canke abazokwemera gushirwako ikimenyetso c’izina ryaco, nta gahengwe bazogira haba mw’ijoro canke ku murango.”