Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Yohana 4:8 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Umuntu wese adakundana ntazi Imana, kuko Imana ni urukundo.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Ūdakundana, ntazi Imana, kukw Imana ar’ urukundo.

Gade chapit la Kopi




1 Yohana 4:8
14 Referans Kwoze  

Turazi urukundo Imana yadukunze kandi twashize ivyizigiro vyacu mu rukundo rwayo. Imana ni urukundo. Umuntu wese aba mu rukundo aba mu Mana na yo ikaba muri we.


Bakundwa, muze dukundane, kuko urukundo ruva ku Mana. Umuntu wese akundana yavyawe n’Imana kandi arayizi.


Bene Data, ndangije ndabasezera. Murondere ugutunganywa, muterane intege, muhuze umutima n’inama, mubane amahoro, maze Imana y’amahoro n’urukundo izobana namwe.


Ariko kubera urukundo rwinshi Imana, yo mutunzi w’imbabazi, yadukunze,


Ubu ni bwo butumwa twumvanye Yesu Kristo kandi ni na bwo tubabwira: Imana ni umuco; muri yo nta mwijima uhaba na gato.


Nta muntu n’umwe aba muri we abandanya acumura. Umuntu wese abandanya acumura ntaramubona kandi ntaramumenya.


Umuntu wese avuga ko agendera mu muco, ariko akanka mwene Data, uwo aracagendera mu mwijima.


Umuntu wese avuga ati: “Ndamuzi,” ariko ntiyumvire amabwirizwa yiwe, uwo ni umubeshi kandi nta kuri kuri muri we.


Kuko “Imana yacu ni umuriro utongora.”


Ikitwereka abana b’Imana n’abana ba wa mubi ni iki: Umuntu wese adakora ibigororotse kandi ntakunde bene Data bandi si uw’Imana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite