Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Yohana 4:21 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Kandi ibwirizwa yaduhaye ni iri: umuntu akunda Imana atagerezwa gukunda bene Data.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Kandi dufise iki cagezwe kuri yo, ng’ Ūkunda Imana akunde na mwene Data wundi.

Gade chapit la Kopi




1 Yohana 4:21
20 Referans Kwoze  

Ubu ni bwo butumwa twumvise kuva mu ntago: dukundane.


Naho ku bijanye n’urukundo mu bavukana, ntitwokwirirwa turabibandikirako vyinshi, kuko Imana yo nyene yabiyigishirije ingene mukwiye gukundana.


Mu kurangiza, mwese nimuhuze umutima n’inama, mubabarane, mukundane nk’abavukana. Mugire umutima mwiza kandi umuntu wese yicishe bugufi imbere ya mugenziwe.


Ivyagezwe vyose bikoraniye muri iri bwirizwa rimwe rivuga ngo: “Ukunde mugenzawe nk’uko wikunda wewe nyene.”


Ibwirizwa ryanje ni iri: Nimukundane nk’uko nabakunze.


Ibwirizwa ryayo ni iri: ko twizera izina ry’Umwana wayo, Yesu Kristo, kandi tugakundana nk’uko yadutegetse.


Icerekana ko twavuye mu rupfu tukaja mu bugingo, ni uko dukunda bene Data. Umuntu wese adakundana aracari mu rupfu.


Ariko ikiruta vyose, mushishikare gukundana, kuko urukundo rupfuka ivyaha vyinshi.


Wa mwigisha w’ivyagezwe aramwishura ati: “Ni uwo yamugiriye impuhwe.” Yesu aca aramubwira ati: “Genda nawe ukore uko.”


Bakundwa, ko Imana yadukunze urukundo rungana gutyo, natwe dukwiye gukundana.


Kuko muri Kristo Yesu, ugukebwa canke ukudakebwa nta kimazi bifise. Igihambaye ni ukwizera gukorera mu rukundo.


Bana nkunda, urukundo rwacu ntirukwiye kuba urwo mu majambo n’akarimi gasosa gusa; ahubwo rukwiye guserukira mu bikorwa no mu kuri.


Mwarumvise ko vyavuzwe mu vyagezwe ngo: ‘Ukunde mugenzawe ariko wanke umwansi wawe.’


Bakundwa, sindabandikiye ibwirizwa rishasha, ahubwo ni ibwirizwa rya kera mwumvise kuva mu ntango. Iryo bwirizwa rya kera ni bwo butumwa mwumvise.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite