19 Twebwe dukunda kuko Imana yabanje kudukunda.
19 Twebge tugira urukundo, kukw ari yo yabanje kudukunda.
Icerekana urwo rukundo ni iki: si twebwe twakunze Imana, ahubwo ni yo yadukunze itanga umwana wayo nk’ikimazi kugira ngo duharirwe ivyaha vyacu.
Si mwebwe mwantoranije, ni jewe nabatoranije. Nabashizeho kugira ngo mugende mwame ivyamwa, kandi ivyamwa bihoraho, kugira ngo ico muzosaba Data cose mw’izina ryanje azokibahe.
Kuko Imana yakunze abari kw’isi cane, bituma itanga Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo uwumwizera wese ntaranduke, ariko aronke ubugingo budashira.
Nuko rero ndakubwire, yerekanye urukundo rwinshi kuko yahariwe ivyaha vyiwe vyinshi. Ariko uwahariwe bike, yerekana urukundo ruke.”
Ariko ivyamwa vya Mpwemu Yera ni ibi: urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, ingeso nziza, kugira neza, ubwizigirwa,
Umuntu wese avuga ko akunda Imana ariko akanka mwene Data wundi, uwo ni umubeshi. Kuko umuntu adakunda mwene Data abona, ntashobora gukunda Imana atabona.