Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Yohana 3:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Nta muntu n’umwe aba muri we abandanya acumura. Umuntu wese abandanya acumura ntaramubona kandi ntaramumenya.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Umuntu wese aguma muri we ntakora ivyaha; ūkora ivyaha wese ntiyamubonye kandi ntiyamumenye.

Gade chapit la Kopi




1 Yohana 3:6
11 Referans Kwoze  

Mugenzi nkunda, ntukigane ibibi, ariko wigane ivyiza. Umuntu wese akora ivyiza ava ku Mana. Umuntu wese akora ibibi ntarabona Imana.


Nta muntu yavyawe n’Imana abandanya acumura, kuko afise imbuto y’Imana muri we. Ntashobora kubandanya acumura kuko Imana ari Se.


Umuntu wese avuga ati: “Ndamuzi,” ariko ntiyumvire amabwirizwa yiwe, uwo ni umubeshi kandi nta kuri kuri muri we.


Umuntu wese adakundana ntazi Imana, kuko Imana ni urukundo.


Bakundwa, turi abana b’Imana, ariko uko tuzomera Kristo niyagaruka ntikuramenyekana. Ico tuzi n’uko tuzosa na we, kuko tuzomubona uko ari.


Turazi ko ata muntu yavyawe n’Imana abandanya gukora icaha, kuko Umwana w’Imana aramurinda, kandi wa mubi nta co ashobora kumukorako.


Imana yavuze iti: “Ahari umwijima nihabe umuco,” yatumye umuco wayo ukayangana mu mitima yacu kugira ngo turonke ugutahura ivy’ubwiza bw’Imana bukayanganira kuri Yesu Kristo.


Bana nkunda, nimugume muri Kristo kugira ngo aho azohishurirwa tuze dushire amanga, ntitwicwe n’isoni imbere yiwe niyagaruka.


Natwe abakuweko ico gitambara, tugaragaza ubwiza bw’Umwami wacu, kandi tukaba turiko turahindurwa ngo duse na we, tuva mu bwiza tuja mu bundi, na bwo bukaba buva ku Mwami wacu, na we akaba ari we Mpwemu.


Ikitwereka ko tuzi Kristo, ni uko dukurikiza amabwirizwa yiwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite