Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Yohana 3:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Ntitukamere nka Kayini, yari uwa wa mubi akica umuvukanyi wiwe. Mbe ni kuki yamwishe? Ni kubera ibikorwa vya Kayini vyari bibi, ivya murumunawe bikaba ibigororotse.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 ntiduse na Kayini, yar’ uwa wa Mubi, akica murumuna we. Kand’ icatumye amwica n’iki? N’ukw ibikorwa vyiwe vyari bibi, ivya murumuna we bikaba vyiza.

Gade chapit la Kopi




1 Yohana 3:12
31 Referans Kwoze  

Kubera ukwizera, Abeli yashikaniye Imana ikimazi cemewe na yo kurusha ica Kayini. Ukwo kwizera kwiwe kwatumye yemerwa n’Imana nk’umugororotsi, kuko Imana ubwayo yemeye ishikanwa ryiwe. Kandi ku bw’ukwizera kwiwe, naho yapfuye, aracavuga.


Abo bazobona ibara! Bajanye inzira ya Kayini, bakurikira amaronko maze barwa mu mutego Balamu yaguyemwo; bazohona kuko bagararije nka Kora.


uhereye ku ya Abeli ugashitsa ku ya Zakariya yiciwe hagati y’igicaniro n’ihema ry’ibonaniro. Ndababwire ukuri, ingaruka z’ayo maraso yose zizoba ku bantu ba kino gihe.


Ikizokurikira ni uko ingaruka z’amaraso y’abagororotsi b’ibihe vyose bishwe, uhereye ku mugororotsi Abeli ukageza kuri Zakariya mwene Barakiya uwo mwiciye mu rusengero hagati y’igicaniro n’ihema ry’ibonaniro, zizoba kuri mwebwe.


Ni co gituma, abo mwabikorana kera, batangara babonye mutagifatanije na bo muri vyo, bigatuma babavuga nabi.


Mwegereye Yesu, umuhuza w’isezerano rishasha riri hagati y’Imana n’abantu, kandi mwegereye amaraso aduhumanura, avuga ivyiza kurusha aya Abeli.


Umuntu wese abandanya akora ivyaha ni uwa wa mubi, kuko uwo mubi yamye akora ivyaha kuva mu ntango. Ariko Umwana w’Imana yaje gusambura igikorwa ca wa mubi.


Mbega hari umuvugishwa n’umwe ba sogokuruza banyu batahamye? Mbere bishe n’abavugishijwe ku kuza kwa wa Umugororotsi. None namwe ubu mwaramugurishije, muramwica,


ariko Yesu arababwira ati: “Ko nakoreye imbere yanyu ibikorwa vyiza vyinshi ndabitumwe na Data, none ni ikihe muri ivyo gitumye mugomba kuntera amabuye?”


Ariko Pilato arababaza ati: “Kubera iki? Ni ikihe caha yakoze?” Ahubwo barushiriza gusemerera bati: “Nabambwe!”


Umurima ni iyi isi, imbuto nziza ni abana b’Ubwami. Urwamfu ni abana ba wa mubi.


Iyo umuntu yumvise ubutumwa bw’Ubwami, hanyuma ntabutahure, wa mubi aca aza akarandura icari cabibwe mu mutima wiwe. Izo ni zo mbuto zabibwe i ruhande y’inzira.


Kandi narabona ko uwo mugore yari aborewe n’amaraso y’abera, amaraso y’abashingiye intahe Yesu. Ndamubonye ndatangara cane.


Bene Data, namwe mwabaye nk’amashengero y’Imana muri Kristo Yesu ari i Yudaya: mwahamwe n’ab’iwanyu nk’uko ayo mashengero na yo yahamwe n’Abayuda,


Muvuge ngo ‘ego’ iyo ari ego canke ‘oya’ iyo ari oya, ibindi vyose wongerako biba bivuye kuri wa mubi.


Raba ndababwiye ukuri nigishijwe n’Imana, none mushaka kunyica. Aburahamu ntiyigeze akora ibisa n’ivyo.


Mwebwe mukora nk’ivyo so akora.” Na bo baramwishura bati: “Twebwe ntituri abana b’ibivyarwa. Imana ubwayo ni yo Data.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite