Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Yohana 2:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Bakundwa, sindabandikiye ibwirizwa rishasha, ahubwo ni ibwirizwa rya kera mwumvise kuva mu ntango. Iryo bwirizwa rya kera ni bwo butumwa mwumvise.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Abo nkunda, s’icagezwe gisha mbandikiye, ariko n’icagezwe ca kera, mwamanye uhereye mbere na mbere: ico cagezwe ca kera ni co rya jambo mwumvise.

Gade chapit la Kopi




1 Yohana 2:7
22 Referans Kwoze  

Ubu ni bwo butumwa twumvise kuva mu ntago: dukundane.


Ibwirizwa ryayo ni iri: ko twizera izina ry’Umwana wayo, Yesu Kristo, kandi tugakundana nk’uko yadutegetse.


Mwebwe, nimuzigame mu mitima yanyu ivyo mwigishijwe kuva mu ntango. Nivyagenda uko, namwe muzoguma mu Mwana no muri Data.


Mwarumvise ko vyavuzwe mu vyagezwe ngo: ‘Ukunde mugenzawe ariko wanke umwansi wawe.’


Nuko bamujana imbere y’abagize inama nkuru y’igisagara ari yo bita Areyopago, bamubwira bati: “Twoshobora kumenya izo nyigisho nshasha uzanye?


Ndabahaye icagezwe gishasha: Nimukundane. Nk’uko nabakunze, ni ko namwe mukwiye gukundana.


Bakundwa, n’aho tuvuga aya majambo, turizera ko muri mu nzira nziza; inzira ibashikana ku gakiza.


Bakundwa, turi abana b’Imana, ariko uko tuzomera Kristo niyagaruka ntikuramenyekana. Ico tuzi n’uko tuzosa na we, kuko tuzomubona uko ari.


Bakundwa, iyo imitima yacu itaducira urubanza, turashobora kwegera Imana tudatinya.


Bakundwa, ntimukizere abantu bose avuga ko bavugishwa. Ariko mubageze kugira ngo murabe ko impwemu ibakoresha iva ku Mana. Kuko hari abavugishwa b’ibinyoma benshi bakwiragiye mw’isi.


Bakundwa, muze dukundane, kuko urukundo ruva ku Mana. Umuntu wese akundana yavyawe n’Imana kandi arayizi.


Bakundwa, ko Imana yadukunze urukundo rungana gutyo, natwe dukwiye gukundana.


Kandi ibwirizwa yaduhaye ni iri: umuntu akunda Imana atagerezwa gukunda bene Data.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite