Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Yohana 1:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Nimba tuvuga ko dufatanije na yo ariko tukagendera mu mwijima, turi ababeshi kandi ntidukora ivy’ukuri.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Tuvuze yuko dufatanije na yo, tukagendera mu mwiza, kuba ar’ ukubesha, ntituba dukora ivy’ ukuri.

Gade chapit la Kopi




1 Yohana 1:6
25 Referans Kwoze  

Umuntu wese avuga ko akunda Imana ariko akanka mwene Data wundi, uwo ni umubeshi. Kuko umuntu adakunda mwene Data abona, ntashobora gukunda Imana atabona.


Umuntu wese avuga ati: “Ndamuzi,” ariko ntiyumvire amabwirizwa yiwe, uwo ni umubeshi kandi nta kuri kuri muri we.


Iyo tuvuze ko ata caha dufise, tuba tuyigize umubeshi kandi ijambo ryayo ntiriba riri muri twebwe.


Nuko Yesu abandanya yigisha ba bantu, ababwira ati: “Jewe ndi umuco w’isi. Uwunkurikira ntazogendera mu mwijima, ahubwo azoronka umuco w’ubugingo.”


Maze Yesu arababwira ati: “Umuco wanje usigaje igihe gito co kubaboneshereza. Nimugendere mu muco bigishoboka, umwijima utarabahwikira. Umuntu wese agendera mu mwijima ntashobora kumenya iyo ariko araja.


Mbega vyomara iki ga bene Data, nimba umuntu avuga ko afise ukwizera ariko ntakwerekanishe ibikorwa? Mbega ukwizera ben’ukwo kwoshobora kumukiza?


Naje nk’umuco uboneshereza iyi si, kugira ngo ntihagire abanyizera baguma mu mwijima.


Ivyo tubabwira ni ivyo twabonye kandi twumvise, kugira ngo mufatanye natwe. Twebwe dufatanije na Data n’Umwana wiwe, Yesu Kristo.


Ariko iyo umuntu agenda mw’ijoro arashobora gutsitara kuko ata muco uba uhari.”


Ariko hariho uwoshobora kuvuga ati: “Bamwe bafise ukwizera, abandi na bo bafise ibikorwa.” Ariko, jewe nanje nomubaza nti: “Ni gute ushobora kunyereka ukwizera kwawe kandi ata bikorwa? Jewe nokwereka ukwizera kwanje mu kukwereka ibikorwa vyiza.”


Iyo tuvuze ko ata caha dufise, tuba twibesha kandi ukuri ntikuba kuri muri twebwe.


Hamwe umwe wo muri mwebwe yomubwira ati: “Niwigire amahoro, wambare neza kandi ufungure,” ariko ntagire ico akora kuri ubwo bukene bw’uwo muntu, yoba amufashije iki?


Ku musi w’urubanza, benshi bazombwira ngo: Mwami, Mwami, mbega ntitwavugishwa mw’izina ryawe, kandi si mw’izina ryawe twirukana abadayimoni bakava mu bantu, tugakora n’ibitangaza vyinshi?


Izo nyigisho ziva ku babeshi b’abiyorobetsi, bafise ubwenge bwapfuye.


Naho mutamuzi, jewe ndamuzi. Iyo mvuga ko ntamuzi, nari kuba mbaye umubeshi nkamwe, ariko ndamuzi kandi ndumvira ijambo ryiwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite