Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Timoteyo 4:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Mpwemu Yera abivuga atomoye ko mu misi ya nyuma abantu bamwe bazova mu kwizera kwabo bakurikire impwemu zibesha n’inyigisho ziva ku badayimoni.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Ariko Mpwemu avuga avyeruye yuko mu bihe bizoza bamwe bazota ivyizerwa, bagashira umutima ku vy’ impwemu zizimiza no ku vy’ inyigisho z’abadayimoni,

Gade chapit la Kopi




1 Timoteyo 4:1
64 Referans Kwoze  

Ariko harabayeho kandi n’abavugishwa b’ibinyoma badutse mu bantu, nk’uko no muri mwebwe hazokwaduka abigisha b’ibinyoma. Bazozana mu mpisho inyigisho z’ibinyoma zisambura, zihakana n’Umwami Nyeninganji yabacunguye, abo bikwegere uguhona kwihuse.


Bababwiye bati: “Mu bihe vy’iherezo hazobaho abacokoranyi bakurikira ivyipfuzo vyabo vyo kutubaha Imana.”


Ica mbere mukwiye kumenya ko mu misi y’iherezo hazoza abacokoranyi, bacokora ukuri kandi bagakurikira ivyipfuzo vyabo bibi.


Ibi ndabivuze kuko hari abantu batubaha Imana binjiye muri mwebwe binyegeje, bakigisha ko ubuntu bw’Imana butwemerera kugendera mu buhumbu. Igihano c’abantu nk’abo cari caravuzwe mu Vyanditswe kuko bahakana Yesu Kristo, ari we Databuja wenyene n’Umwami.


Ariko ndatinya ko nk’uko Eva yahenzwe n’ubugunge bw’inzoka, namwe Satani ashobora kuzimiza ubwenge bwanyu mukava mu kwiha Kristo gutunganye kwanyu.


Ariko abanyakibi bazoshika kure mu bibi vyabo. Bazozimiza benshi kandi na bo ubwabo bazokwizimiza.


Twebwe turi ab’Imana, kandi abazi Imana baratwumviriza; ariko abatari ab’Imana ntibatwumviriza. Uko ni ko dushobora gutandukanya umuntu afise Impwemu y’ukuri n’umuntu afise impwemu y’ibinyoma.


Ariko Mpwemu w’ukuri niyaza, azobarongorera mu kuri kwose. Ntazovuga ivyo yigeneye; ahubwo azovuga ivyo yumvise gusa, kandi azobabwira ibigiye kuba.


Bana nkunda, iki ni igihe ca nyuma. Mwarumvise ko antikristo agiye kuza, kandi ba antikristo benshi baramaze guseruka. Iki ni co kitwemeza ko turi mu gihe ca nyuma.


Uwufise amatwi niyumve ico Mpwemu abwira amashengero. Uwuzonesha ntazobabazwa na gato n’urupfu rwa kabiri.


Bazokwihakana ukuri, bahindukirire imigani.


Wa mubi yabahenda, atabwa mu kiyaga caka umuriro, aho ca gikoko na wa muvugishwa w’ibinyoma bari batawe. Bazobabazwa ijoro n’umurango, ibihe bidashira.


Uwufise amatwi niyumve ico Mpwemu abwira amashengero.


Uwufise amatwi niyumve ico Mpwemu abwira amashengero.


Imana yari yaramutoranije imbere y’uko isi iremwa, ariko yamuhishuye ubu muri ino misi ya nyuma ku bwanyu.


Arasemerera n’ijwi rirenga ati: “ ‘Kirasenyutse! Kirasenyutse Babiloni, igisagara gihambaye!’ Ubu gihindutse inzu y’abadayimoni, ubwihisho bw’impwemu zihumanye zose, ubwihisho bw’inyoni zihumanye zose, n’ubwihisho bw’ibikoko bihumanye kandi bisesema vyose.


Ntihagire umuntu n’umwe abacira urubanza kubera inyungu mbi yishimikije uguca bugufi kutari kwo no gusenga abamarayika. Yihayagiza ko ivyo ari ivyo yeretswe. Ubwenge bwabo bwuzuye ivyaha butuma bishira hejuru ku vy’ubusa gusa.


Haba na mba. Ivyashikaniwe ibigirwamana biba vyashikaniwe abadayimoni, ari na co gituma ntashaka ko musangira n’abadayimoni.


hanyuma asohoke aje kuzimiza amahanga yitwa Gogi na Magogi, mu mpande zine z’isi. Azobakoranya ngo batere intambara, kandi bazoba ari benshi bangana n’umusenyi wo ku kiyaga.


Ariko ca gikoko gica gifatwa mpiri hamwe na wa muvugishwa w’ibinyoma yakora ibitangaza mw’izina ryaco. Ivyo bitangaza ni vyo cahendesha bamwe bashirwako ikimenyetso caco, bagasenga n’igishushanyo caco. Ca gikoko na wa muvugishwa w’ibinyoma baca batererwa mu kiyaga caka umuriro.


Nta muco w’amatara uzosubira gukayangana muri wewe. Nta majwi y’umukwe n’umugeni azosubira kwumvikana muri wewe. Abadandaza bawe bari rurangiranwa kw’isi. Amahanga yose yazimijwe n’amareba yawe.


Kubera ubwo bubasha cahawe bwo gukora ibimenyetso n’ibitangaza ku bwa ca gikoko ca mbere, kizimiza ababa kw’isi. Gitegeka ababa kw’isi gukora igishushanyo ca ca gikoko ca mbere cari carakomerekejwe cane n’inkota, ariko kigakira.


Ariko abasigaye batishwe n’ivyo vyago ntibihanye ibikorwa vyabo bibi bakoze n’amaboko yabo; ntibahevye gusenga abadayimoni n’ibigirwamana bikozwe mu nzahabu, mw’ifeza, mu mujumbu, mu mabuye no mu biti, bitabona, bitumva canke ngo bitambuke.


Uwufise amatwi niyumve ico Mpwemu abwira amashengero.”


Uwufise amatwi niyumve ico Mpwemu abwira amashengero.


Uwufise amatwi niyumve ico Mpwemu abwira amashengero. Uwuzonesha nzomuha kurya kuri manu yahishijwe. Nzomuha kandi ibuye ryera ryanditseko izina rishasha; ntawuzomenya iryo zina kiretse uwuzohabwa iryo buye.


Uwufise amatwi niyumve ico Mpwemu abwira amashengero. Uwuzonesha nzomuha kurya ku vyamwa vyo ku giti c’ubugingo, kiri muri paradizo y’Imana.


Izo ngabire zose zitangwa na Mpwemu umwe, bivanye n’uko agomba kuzitanga.


Nuko hagera ko bataha bagiharira, hanyuma Pawulo ababwira ijambo ryo kubasezera ati: “Mpwemu Yera yavuga ukuri igihe yavuga kuri ba sogokuruza banyu, avugishije Yesaya ati:


Maze umugwi w’abanyabwenge bitwa Abepikureyo n’Abasitoyiko, batangura guharira na we. Bamwe barabaza bati: “Mbega ivyo ariko aradedemba ni ibiki?” Abandi bakavuga bati: “Umenga ariko avuga ivy’imana z’inyamahanga.” Ivyo babivuze kuko Pawulo yariko ababwira Ubutumwa Bwiza bwa Yesu n’izuka.


Bariko barasenga Imana bisonzesheje, Mpwemu Yera ababarira ati: “Ntoraniriza Baranaba na Sawuli, bankorere igikorwa nabahamagariye.”


Izo ni impwemu z’abadayimoni zikora ibitangaza n’ibimenyetso, zikaja ku bami bo kw’isi yose, kugira ngo zibakoranirize ku rugamba ku musi uhambaye w’Imana Mushoboravyose.


Isi iragowe kuko yuzuye ibituma abantu bacumura! Kandi ivyo ntibizokwigera bireka kubaho; ariko aragowe umuntu abizana!


Umusi umwe Yesu yabwiye abigishwa biwe ati: “Ibituma abantu bacumura ntibizoreka kuza, ariko aragowe umuntu abizana.


Ico nzi gusa ni uko, mu bisagara vyose ncamwo, Mpwemu Yera aguma amburira ko umunyororo n’amakuba bindindiriye.


Ashitse aho turi, afata umukanda wa Pawulo, awibohesha amaboko n’amaguru, avuga ati: “Mpwemu Yera avuze ati: ‘Uku ni ko Abayuda b’i Yerusalemu bazoboha nyene uwu mukanda, hanyuma bamurekurire mu maboko y’Abanyamahanga.’ ”


Ariko ivyo Imana yarabiduhishuriye muri Mpwemu wayo. Mpwemu asesangura vyose, mbere n’ibihishijwe vy’amabanga y’Imana.


Koko hategerezwa kuba ukwitandukanya muri mwebwe, kugira ngo abemerwa n’Imana bagaragare.


“Ubwenge” nk’ubwo ntibwururuka buva mw’ijuru ariko ni ubw’isi, si ubw’impwemu, ni ubwa wa mubi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite