Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Timoteyo 3:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Iri jambo ni iryo kwizerwa: “Umuntu niyagomba kuba umurongozi w’ishengero, azoba yifuje igikorwa ciza.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Iri jambo n’iryo kwizerwa: umuntu ni yagomba kuzezwa ishengero, aba yifuje igikorwa ciza.

Gade chapit la Kopi




1 Timoteyo 3:1
19 Referans Kwoze  

Umwungere w’ishengero ajejwe gutunganya ishengero ry’Imana. Ni co gituma akwiye kuba inyankamugayo. Ntakwiye kuba umunyabwibone, canke uwutwarwa n’ishavu. Ntakwiye kuba imborerwa, ashwana, canke arondera kuronka inyungu mbi.


Nuko rero mwirinde mwebwe ubwanyu mwongere murinde n’ubusho Mpwemu Yera yabahaye ngo mububere abungere. Muragire ishengero ry’Imana, iryo yaguze amaraso y’umwana wayo.


mube abungere b’ubusho Imana yabajeje, muburagire ata gahato, ariko mufise umutima ubikunze, nk’uko Imana ishaka ko mubikora; mutarondera inyungu mbi, ariko nk’abakorera Imana nyene.


Iri jambo ni iryo kwizigirwa, rikwiye kwakirwa n’abantu bose, rivuga ngo: Kristo Yesu yazanywe kw’isi no gukiza abanyavyaha, muri abo ndi agahebuza.


Kera mwari mumeze nk’intama zazimiye ariko ubu mwaragarutse ku mwungere w’ubugingo bwanyu.


Mwitaneho kugira ngo ntihagire n’umwe muri mwebwe ananirwa ntashikire ubuntu bw’Imana. Mwirinde ntihakagire n’umwe muri mwebwe amera nk’umuzi urura hagati yanyu agatera uruhagarara, agatuma benshi bononekara.


Iri jambo ni iryo kwizera: “Nitwapfana na we, tuzobana bazima na we.


Iri jambo ni iry’ukuri, kandi ni iryo kwizigirwa.


Jewe Pawulo na Timoteyo abakozi ba Kristo Yesu, Turabandikiye mwese abera bo muri Kristo Yesu muri i Filipi, hamwe n’abarongozi b’ishengero n’abadiyakoni bose:


Ni ko n’abamarayika b’Imana bagira umunezero iyo umunyavyaha umwe yihanye.”


Iri jambo ni iryo kwizigirwa, kandi ndashaka ko ushimikira kuri izi nyigisho kugira ngo abizigiye Imana bose babone kwiyegurira gukora ivyiza. Izo nyigisho ni nziza, zigirira akamaro uwuzumva wese.


kugira ngo bashobore kwigisha abera na bo bakore igikorwa ciwe, bubake ishengero ari ryo mubiri wa Kristo.


Petero avuga ati: “Mu gitabu ca Zaburi handitswe ngo: ‘I muhira iwe haze habe umusaka, ntihagire n’umwe azohaba.’ Kandi ngo: ‘Aze asubirizwe mu mabanga yiwe y’uburongozi.’


Ntihakagire n’umwe muri mwebwe ababazwa ahorwa kuba umwicanyi, umusuma, guteza imigumuko, canke kwita mu vyo atajejwe.


Kandi, turabinginze bene Data ngo muhanure ibinebwe, muremeshe abadendebukiwe, mufashe abanyantegenke, mwihanganirane.


Ni mwebwe Banyamahanga ndiko ndabwira kuko Imana yampamagariye kuba intumwa mu Banyamahanga. Ico gikorwa ndakinezererewe,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite