Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Timoteyo 2:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 yo ishaka ko abantu bose bakizwa bagashika ku kumenya ukuri.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 igomba kw abantu bose bakizwa bagashika ku kumenya ivy’ ukuri.

Gade chapit la Kopi




1 Timoteyo 2:4
32 Referans Kwoze  

Imana ntitebeje gushitsa isezerano ryayo, nk’uko bamwe biyumvira ko iritebeje. Yihanganira mwebwe, kuko idashaka ko hari n’umwe aranduka, ariko ishaka ko bose bashika ku kwihana.


Ubuntu bw’Imana buzana agakiza bwarahishuwe ku bantu bose.


Abamugwanya abigisha mu bugwaneza, yizigiye ko Imana ishobora kubaha ukwihana gushobora kubashikana ku kumenya ukuri,


Igituma dukora tukaruha, ni uko twizera Imana nzima, yo Mukiza w’abantu bose, na canecane w’abizera.


kandi ubutumwa bw’ukwihana n’uguharirwa ivyaha buzovugwa mw’izina ryiwe mu mahanga yose, uhereye i Yerusalemu.’


Hanyuma nca mbona uwundi mumarayika aguruka mu kirere, atwaye Ubutumwa Bwiza agiye kubwira abari mw’isi mu moko yose, mu miryango yose, mu ndimi zose no mu mahanga yose.


Yesu aramwishura ati: “Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo. Nta n’umwe ashobora gushika kwa Data atanciyeko.


Nuko nimugende, muhindure amahanga yose abigishwa: mubabatize mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’irya Mpwemu Yera,


Jewe Pawulo, umukozi w’Imana n’intumwa ya Yesu Kristo ku bw’ukwizera kw’abatoranijwe n’Imana n’ukumenya ukuri gushikana ku kugororoka,


bama bakurikira inyigisho nshasha zose, ariko batari bushike ku kumenya ukuri.


Shebuja aramubarira ati: ‘Genda mu mayira y’inyuma y’igisagara no mu mirombero, ugobere abantu baze kugira ngo inzu yanje yuzure.


Uzokwigisha abantu biwe inzira y’agakiza kava mu guharirwa ivyaha vyabo.


Bezeshe ukuri; ijambo ryawe ni ryo kuri.


Ariko abo Data yampaye bose, bazoza aho ndi kandi sinzokwigera ndabirukana.


Arababwira ati: “Nimugende mw’isi yose, mubwire Ubutumwa Bwiza abaremwe bose.


Kuko nitwabandanya dukora ivyaha ibigirankana kandi tumaze kumenya ukuri, nta kimazi co gukura ivyaha kizoba kigisigaye.


kugira ngo ntume Abisirayeli bagirira ishari ico mwebwe abanyamahanga mufise, bikunze ndokore bamwe muri bo.


Ariko nimwaba mwuzuye ishari, umururazi n’ukwikunda, ntimwishimire ubwo bwenge kuko mwoba mwihakanye ukuri.


Jewe umutama w’ishengero, Ndakwandikiye mupfasoni watoranijwe n’Imana n’abana bawe, abo nkunda mu kuri, kandi umuntu wese azi ukuri arabakunda,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite