Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Timoteyo 1:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Bagomba kwigira abigisha bubashwe b’ivyagezwe, ariko ntibatahura ivyo bavuga naho babishingira intahe bashize amanga batyo.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 bagomba kuba abigisha b’ivyagezwe, ariko ntibatahura ivyo bavuga n’ivyo bashingira intahe babishimikiye.

Gade chapit la Kopi




1 Timoteyo 1:7
20 Referans Kwoze  

Bavuga ko bafise ubwenge, ariko ni ibipfu.


Abo bantu bo, batuka ivyo badatahura. Bameze nk’ibikoko gusa, bitagira ubwenge, vyavukiye gufatwa no kwicwa, kandi abo na bo bazohona nka vyo.


baba buzuye ubwibone n’ukwishira hejuru n’ukubura ugutahura. Bafise impwemu yo kuvuga no guharira ku majambo. Ivyo nta kindi bizana atari ishari, ibihari, ibitutsi, ukwikekana,


Ngomba kandi kwongera kubabaza, mbega Imana yabahaye Mpwemu Yera yongera ikorera ibitangaza muri mwebwe kubera mwitondera ivyagezwe? Canke ni kubera mwizeye ivyo mwumvise?


bama bakurikira inyigisho nshasha zose, ariko batari bushike ku kumenya ukuri.


Rero, hariho ikintu kimwe conyene ngomba kumenya: Mbega mwahawe Mpwemu Yera kubera mwitondeye ivyagezwe vya Mose? Canke ni kubera mwizeye Ubutumwa Bwiza bwa Kristo mwumvise?


Nimumbwire mwebwe mugomba kuganzwa n’ivyagezwe, mbega ntimuzi ico bivuga?


Nimubihoze; ni impumyi zirongora izindi! Kandi iyo impumyi irongoye iyindi, zompi zigwa mu kinogo.”


Hari abantu bavuye i Yudaya baja muri Antiyokiya, bigisha abizera bati: “Mudakebwe nk’uko imigenzo twigishijwe na Mose ibitegeka, ntimushobora gukizwa.”


Nuko bishura Yesu bati: “Ntituzi uwabumuhaye.” Na we aca ababwira ati: “Nanje sindababwira aho ububasha butuma nkora ibi buva.


Haheze imisi itatu, bamusanga mu rusengero yicaranye n’abigisha b’ivyagezwe, abumviriza yongera ababaza ibibazo.


Bene Data, ntihakabeho benshi bipfuza kuba abigisha, kuko muzi ko twebwe twigisha tuzocirwa imanza zikomeye kuruta iz’abandi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite