Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Timoteyo 1:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 canke ngo bateshe umwanya abantu mu vy’imigani myinshi n’urukurikirane rudahera rwa ba sekuruza. Ivyo bizana impari, aho gufasha mu gikorwa c’Imana co gukiza, ico tumenya mu kwizera.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 ntibababare ivy’ imigani y’ibinyoma n’ivyo kuzīrōra ivy’ akārōnda katagira iherezo, bidafasha igikorwa c’Imana gikorera mu kwizera, ariko bizana impāri.

Gade chapit la Kopi




1 Timoteyo 1:4
19 Referans Kwoze  

Ariko wirinde impari z’ubupfu, ivy’urukurikirane rwa ba sekuruza, ibihari n’imishwano bifatiye ku vyagezwe n’amabwirizwa, kuko nta co bimaze kandi nta co bifasha uwuvyumva.


Ntibasubire gutega amatwi imigani y’Abayuda, canke amabwirizwa y’abataye ukuri.


Wirinde inkuru zipfuye n’imigani y’abakecuru. Ahubwo wimenyereze kwubaha Imana.


Bazokwihakana ukuri, bahindukirire imigani.


Ntitwakurikiye imigani yashizweho n’ubwenge bw’abantu gusa igihe twababwira ivyo kuza mu bushobozi kw’Umwami wacu Yesu Kristo, ariko twebwe twari ivyabona, kuko twiboneye ubwiza bwiwe bw’akaburarugero.


Ewe Timoteyo, uzigame neza ico wahawe. Wirinde ibiyago n’impari vy’abiyita abanyabwenge kuko bidahwanye n’ukwizera.


Ntimukemere kuzimizwa n’inyigisho z’ivyaduka z’uburyo bwose. Inkomezi z’imitima yanyu ziva mu buntu bw’Imana, ntiziva mu mategeko ajanye n’ivyokurya, kuko bidashobora gufasha ababikurikiza.


Ibi uzokwame ivyibutsa abantu, ubihanikiririza mu nyonga z’Imana ngo bareke guharirira ku majambo, kuko ata kimazi bifise, kandi bishobora kugwisha abavyumva.


Uhunge ivyipfuzo bibi vy’ubusore, urondere ukugororoka, ukwizera, urukundo n’amahoro, wifatanije n’abambaza Umwami Imana n’imitima itanduye.


Ariko wewe muntu w’Imana, uhunge ivyo vyose, ukurikirane ukugororoka, ukwubaha Imana, ukwizera, urukundo, ukwihangana n’ubugwaneza.


Ikirengeye ivyo umuntu yokwibaza vyose, ikinyegezwa c’ukwizera kwacu kirahambaye: Kristo yabonetse mu mubiri, yemezwa na Mpwemu Yera, abonwa n’abamarayika, amenyekanishwa mu mahanga, yizerwa n’abo mw’isi, aduzwa mu bwiza bwo mw’ijuru.


Jewe Pawulo, umukozi w’Imana n’intumwa ya Yesu Kristo ku bw’ukwizera kw’abatoranijwe n’Imana n’ukumenya ukuri gushikana ku kugororoka,


Iki ni co twishimira: nk’uko umutima wacu ubishingira intahe, twigenjeje neza mw’isi, na canecane muri mwebwe, mu kwezwa no mu kuri biva ku Mana, turongowe n’ubuntu bw’Imana, atari ubwenge bw’abantu.


sinkekeranya ko mwumvise ivy’igikorwa Imana yanjeje muri mwebwe co kubashikiriza ubuntu bwayo,


Wirinde ibihari vy’ubupfu ata kindi bishikanako atari induru.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite