Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Timoteyo 1:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 abasambanyi n’abahuza ibitsina kandi babisangiye, abadandaza abagurano, ababeshi, abarahira nabi, canke abakora ibindi vyose bidahwanye n’inyigisho z’ukuri

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 abashakanyi, abagabo bendana, abanyaga abantu bakabashōra, ababeshi, abarahira nabi, n’ibindi vyose birwanya ukwigisha kuzima,

Gade chapit la Kopi




1 Timoteyo 1:10
34 Referans Kwoze  

Kuko igihe kigiye kuza aho abantu batazoba bacemera inyigisho z’ukuri. Bazokwumviriza ibiryohera amatwi yabo, birundanirize abigisha bazovuga ivyo bashaka kwumva gusa.


Ivyo ni vyo vyatumye Imana ibaheba ngo bakore ibiteye isoni imitima yabo yipfuza. Mbere n’abagore babo bataye ibanga ry’abubatse nk’uko Imana yaritegekanije, biyononesha guhuza ibitsina n’abandi bagore nka bo.


Nta kintu gihumanye na kimwe kizokwinjirayo, kandi nta wukora ibiterasoni canke umubeshi azogerayo. Hazojayo abo amazina yabo yanditswe mu gitabu c’ubugingo c’Umwagazi w’intama gusa.


Abigisha inyigisho zidahuye n’ivyo Umwami wacu Yesu Kristo yigishije ari vyo bizana ukugororoka,


Kandi mwibuke Sodomu na Gomora n’ibisagara vyari bihakikije. Abantu baho bihaye gukora ivyaha vy’ubuhumbu n’ivy’ubusambanyi vy’ubwoko bwose. Ni co catumye Imana yabatanzeko akarorero mu kubahanisha umuriro udashira.


Ategerezwa kuba uwuzigama neza ijambo ry’ukwizera yigishijwe, kugira ngo ashobore kuremesha abandi mu vyizerwa vy’ukuri, no gutsinda abamuhaririza.


Ariko abahemuka, abatizera, abakora ibiterasoni, abicanyi, abasambanyi, abapfumu, abasenga ibigirwamana n’ababeshi bose, ikibanza cabo ni ikiyaga caka umuriro, ari rwo rupfu rwa kabiri.”


Ukwubakana kwubahirizwe na bose, kandi ntihakagire icanduza uburiri bw’abubakanye; kuko Imana izocira urubanza abagendera mu bushakanyi no mu busambanyi.


Inyuma y’igisagara hazoba hari imbwa, abapfumu, abasambanyi, abicanyi, abasenga ibigirwamana hamwe n’abakunda kubesha bakanabikora.


Wame ufatira akarorero ku nyigisho z’ukuri wanyumvanye, uhagarare mu kwizera, no mu rukundo dufise muri Kristo Yesu.


Muri abana ba so, Satani, kandi mugomba gushitsa ibikorwa bibi so ashaka. Yamye ari umwicanyi kuva mu ntango. Yamye yanka ukuri, kuko ata kuri kuri muri we. Iyo avuga ibinyoma, aba ariko avuga ururimi kavukire, kuko ni umubeshi kandi ni se w’ibinyoma.


Ivyo avuga ni vyo. Ni co gituma ukwiye kubihanikiriza ushimitse, kugira ngo bakomezwe mu kwizera kw’ukuri.


Cabagurira kandi ivyitwa kinamoni n’ibindi birungo; amavuta amota neza, ibimotesha neza amavuta yitwa mira n’imibavu; imivinyu n’amavuta ya elayo; ifu inoze neza n’ingano; inka n’intama; amafarasi n’imikogote hamwe n’abantu bagurishwa nk’abagurano.


Ibi niwabishikiriza bene Data, uzoba uri umukozi mwiza wa Kristo Yesu, yagaburiwe ubutumwa bw’ukwizera n’inyigisho nziza wakiriye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite