Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Petero 5:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Muyikorere ingorane zanyu zose kuko irabitayeho.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Muyikorere amaganya yanyu yose, kukw ibababara.

Gade chapit la Kopi




1 Petero 5:7
23 Referans Kwoze  

Ntimukiganyire ku kintu na kimwe, ariko ivyo mukeneye vyose mubimenyeshe Imana mu gusenga no mu kwinginga, bifatanije no gukenguruka.


Yesu aca abwira abigishwa biwe ati: “Ni co gituma ndababwira nti: ntimukiganyire kubera ivyokurya mukeneye kugira ngo mubeho; canke ivyo kwambara imibiri ikeneye.


Yesu we yari yiryamiye inyuma mu bwato yiseguye. Abigishwa baramukangura, bamubwira bati: “Mwigisha, ntubabajwe n’uko tugira dupfe?”


Umucangero arahunga kuko akorera amahera kandi atababaye intama.


Ni nde muri mwebwe yoshobora kwiyongera akanya na gatoya ko kubaho kubera kwiganyira?


Ni kuki mwiganyira kubera ivyo mwambara? Nimwitegereze ingene amashurwe yo ku misozi akura. Ntakora kandi ntajisha impuzu.


Ni co gituma mudakwiye kwiganyira; muvuga muti: ‘Mbega tuzorya iki?’ canke ‘Mbega tuzonywa iki?’ canke ‘Mbega tuzokwambara iki?’


Nimba mutishoboza ikintu gito nk’ico, ni kuki mwiganyira ku bindi?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite