Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Petero 5:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Ntimutwaze umukazo abo bantu mwahawe kurongora, ariko mubere akarorero ubwo busho.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Kandi ntimuragire nk’abatwaza amanyama amasho mwagabanganirijwe, ariko mube ivyitegererezo vy’ubusho.

Gade chapit la Kopi




1 Petero 5:3
26 Referans Kwoze  

Twari dufise uburenganzira bwo gufashwa namwe, ariko ntitwabikoze kuko twashaka kubabera akarorero mwokurikiza.


Bene Data, mumfatireko akarorero, kandi mwigire kuri abo bose bakurikiza akarorero kacu.


Ariko ibi ntibisigura ko tugomba kubaremera tubabwira ngo mushire ukwizera kwanyu mu ngiro. Dushaka gukorera hamwe namwe kugira ngo umunezero wanyu wuzuzwe, kuko ukwizera kwanyu ni kwo kuzotuma mushikama.


Muri vyose ubabere akarorero mu gukora ivyiza. Ivyo wigisha vyose bibonekemwo ubwizigwa no kudafata ibintu minenegwe.


Ntihagire uwukugaya kubera ukiri muto, ahubwo ubere akarorero abizera: mu mvugo no mu ngiro, mu rukundo, mu kwizera, no mu kugororoka.


Nuko rero mwirinde mwebwe ubwanyu mwongere murinde n’ubusho Mpwemu Yera yabahaye ngo mububere abungere. Muragire ishengero ry’Imana, iryo yaguze amaraso y’umwana wayo.


Ivyo mwigishijwe canke mwanyumvanye, canke ivyo mwambonyeko, mubishire mu ngiro. Imana y’amahoro izobana namwe.


Kuko iyo tuvuga ubutumwa, ntitwivuga twebwe nyene. Ariko twigisha ko Yesu ari Umwami, natwe tukaba abakozi banyu ku bwa Kristo.


Ariko mu Mwami, umugore agengwa n’umugabo, kandi umugabo agengwa n’umugore.


Ariko mweho muri ubwoko bwatoranijwe, abaherezi b’Umwami, ihanga ryejejwe Imana yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ryayo, yo yabahamagaye ikabakura mu mwijima, ikabazana mu muco wayo utangaje.


kuko twempi dukorera Imana, namwe muri umurima w’Imana, muri inzu yayo.


Mbega Apolo ni iki, canke Pawulo ni iki? Ni abakozi b’Imana basanzwe babafashije mu gushika ku kwizera nk’uko Imana yakoresheje umwe umwe wese muri bo.


Ndaberetse akarorero kugira ngo namwe mukore nk’uko nabakoreye.


Ni co gituma mwabaye akarorero ku bandi bizera b’i Makedoniya no muri Akaya hose.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite