Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Petero 5:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Iri kete rigufi ndaryanditse mfashijwe na Silasi, uwo mfata nka mwene Data w’umwizigirwa, kugira ngo ndabatere intege kandi ndabamenyeshe ko ivyo muriko muracamwo ari ubuntu bw’Imana bw’ukuri. Nuko muhagarare mushikamye muri ubwo buntu.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Mbandikiye icete c’amajambo make, canditswe na Siluwano, mwene Data w’umwizigirwa uko niyumvira; mbahanūra nshinga intahe yuk’ ubgo ari bgo buntu bg’Imana bg’ukuri: mubuhagararemwo mushikamye.

Gade chapit la Kopi




1 Petero 5:12
24 Referans Kwoze  

Ndabinginga bene Data, mushire umutima kuri aya majambo yo kubatera intege, kuko iri kete nanditse si rirerire.


Ashitseyo akibonerako ubuntu bw’Imana bwabaye kuri bo, aranezerwa cane, yongera arabinginga bose ngo bashishikare gukurikira Umwami n’imitima yabo yose.


Mu Mwana w’Imana Yesu Kristo, uwo twe na Silasi na Timoteyo twabigishije, ntiharimwo “Egome” na “Oya,” muri we ni “Egome” gusa.


Ubu na ho bene Data, nagomba kubibutsa Ubutumwa Bwiza nababwiye, ubwo mwakiriye mukabugumamwo.


Ariko mbona ko ubuzima bwanje ata co bwoba bumaze hamwe ntorangiza urugendo, ngansozera igikorwa Umwami Yesu yanshinze co kubwira abantu Ubutumwa Bwiza bw’ubuntu bw’Imana.


Twebwe Pawulo, Silasi na Timoteyo, Turabandikiye mwebwe ishengero ry’i Tesalonike riri mu Mana Data no mu Mwami Yesu Kristo:


Twebwe Pawulo, Silasi na Timoteyo, Turabandikiye, mwebwe abo mw’ishengero ry’i Tesalonike bari mu Mana Data no mu Mwami Yesu Kristo: Ubuntu n’amahoro bibane namwe.


Bene Data nkunda, naho nari nipfuje cane kubandikira ku bijanye n’agakiza dusangiye, numvise ngoberwa kwandika ndabahimiriza ngo mugwanire ukwizera abera b’Imana bahawe rimwe rizima.


Demetiriyo avugwa neza na bose, nk’uko ukuri na kwo kumushingira intahe. Natwe tumuvuga neza kandi urazi ko intahe yacu ari iy’ukuri.


Barahevye inzira igororotse barazimira bakurikira inzira ya Balamu mwene Beyori, yakunze ingero mbi.


Nzokwama ndabibutsa ivyo bintu, naho mubizi kandi mumaze gushinga imizi mu kuri mufise ubu.


Azananye na Onesimo, umuvukanyi w’umwizigirwa, umwe muri mwebwe. Bazobabwira ibiriko birabera hano vyose.


Tukiko azobabwira amakuru yose anyerekeye. Ni mwene Data dukunda, umukozi w’umwizigirwa, uwo dusangiye igikorwa c’Umwami.


Mwabubwiwe na Epafura, umukozi w’Imana dukunda kandi dusangiye igikorwa, akaba n’umukozi wa Kristo w’umwizigirwa abakorera.


Tukiko, umuvukanyi nkunda kandi umukozi w’umwizigirwa mu Mwami, azobabwira vyose, kugira ngo namwe mumenye uko meze n’ivyo ndiko ndakora.


kandi iryo ni ibanga nahishuriwe, nk’uko namaze kuvyandikako mu ncamake.


Ariko ibi ntibisigura ko tugomba kubaremera tubabwira ngo mushire ukwizera kwanyu mu ngiro. Dushaka gukorera hamwe namwe kugira ngo umunezero wanyu wuzuzwe, kuko ukwizera kwanyu ni kwo kuzotuma mushikama.


Tumaze kumwizera; Kristo yadushikanye muri ubu buntu turimwo, kandi dufise umunezero no kwizigira ko tuzosangira na we ubwiza bw’Imana.


Petero amubonye abaza Yesu ati: “Mwami, urya we ivyiwe bizogenda gute?”


Nuko intumwa n’abakuru b’ishengero, bari kumwe n’ishengero ryose, baca batora bamwe mu banyeshengero, babarungika i Antiyokiya baherekeje Pawulo na Baranaba. Nuko batoranya Yuda ari we Barusaba, na Silasi, bari abarongozi mu bandi bizera.


Nuko rero mwame mugavye kandi mwirinde. Ivyizigiro vyanyu vyose mubishire ku buntu muzohabwa igihe Yesu Kristo azohishurirwa.


Umwe wese akoresha ingabire yose yahawe n’Imana ku nyungu z’abandi. Muzikoreshe nk’abizigirwa b’Imana bagabura ubuntu bw’Imana bw’uburyo bwinshi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite