Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Petero 4:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Ni co gituma, abo mwabikorana kera, batangara babonye mutagifatanije na bo muri vyo, bigatuma babavuga nabi.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Birabatangaza yuko mudafatanya na bo kwirukira mu birenze urugero vy’ubuhumbu, bakabarementaniriza;

Gade chapit la Kopi




1 Petero 4:4
11 Referans Kwoze  

Mubikorane umutima utabagiriza ikibi, kugira ngo n’ababavuga nabi bazomaramare babonye ingeso zanyu nziza muri Kristo.


Mugire inyifato nziza mu bo mubana batizera, kugira ngo n’aho babavuga nabi nk’inkozi z’ibibi, baze babone ingeso zanyu nziza, bitume bahimbaza Imana umusi izotugendera.


Ariko abonye ko Abayuda bamuhaririza bakanamutuka, aca akunkumura impuzu ziwe, ababwira ati: “Amaraso yanyu azobe ku gatwe kanyu. Jewe kuri ivyo ndera. Uhereye ubu ngiye kwigisha Abanyamahanga.”


Ariko abo bantu bo batuka ivyo badatahura. Bameze nk’ibikoko bitazi ubwenge kandi ivyo bibaza ngo barazi ni vyo bibahonya.


Abayuda babonye ayo masinzi bagira ishari, batangura kuvuga ibinyuranye n’ivyo Pawulo yariko aravuga, banamutuka.


Kuri bo wa mugani warashitse ngo: “Imbwa isubiye ku vyo idashwe,” kandi ngo: “Ingurube yari yogejwe isubiye kwivayanga mu vyondo.”


Abo bantu bo, batuka ivyo badatahura. Bameze nk’ibikoko gusa, bitagira ubwenge, vyavukiye gufatwa no kwicwa, kandi abo na bo bazohona nka vyo.


Twigenze neza nk’abagenda ku murango. Twirinde kudandahirwa no kuborerwa. Twirinde ubusambanyi no kugendera mu biteye isoni. Twirinde gutongana no kugiriranira ishari.


Haciye imisi mike wa muhungu muto yegeranya ubutunzi bwiwe, aja mu gihugu ca kure, yononera rya tunga ryiwe mu buhumbu.


Ntimukaborerwe umuvinyu, kuko bijana abantu mu buhumbu. Ahubwo, mwuzure Mpwemu Yera,


Muzobona ibara yemwe bigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo, kuko muri indyarya! Mwoza neza inyuma h’igikombe n’ah’isahani, ariko imbere huzuyemwo umwanda w’ivy’ubusuma n’ukwipfuza kwanyu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite