Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Petero 3:9 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Ntimukihorane canke ngo mwishure uwubatutse. Ahubwo mubahezagire kuko ico ari co Imana yabahamagariye gukora ngo namwe muragwe umuhezagiro.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 ntimugere ikibi ku kindi, cank’ igitutsi ku kindi; ariko mubigerāne n’umuhezagiro, kukw ico ari co mwahamagariwe, kugira ngo namwe muragwe umugisha.

Gade chapit la Kopi




1 Petero 3:9
26 Referans Kwoze  

Ntimukishure inabi uwayibagiriye. Ahubwo mwitwararike gukora ivyiza mu maso y’abantu bose.


Muhezagire ababagirira nabi, ntimubavume ahubwo mubahezagire.


Mwirinde ntihagire uwusubiza inabi mugenziwe, ariko mugiriranire ubugwaneza muri mwebwe no ku bandi.


Jeho ndababwiye nti: mukunde abansi banyu kandi musengere ababagirira nabi,


Mugiranire neza kandi mubabarane, mwongere muharirane nk’uko Imana yabahariye muri Kristo.


Ariko jeho ndababwiye nti: ntimukihore ababagirira nabi. Umuntu niyagukubita ikofe mu musaya w’i buryo, umuhindukirize n’uw’i bubamfu.


Kandi Imana nyene ubuntu, yabahamagariye ubwiza bwayo muri Yesu Kristo, mumaze kubabazwa igihe gito, izobiyegereza ibakomeze, ibaremeshe.


Kandi turazi ko muri vyose Imana ikora ishakira ineza abayikunda, abo yahamagaye nk’uko biri mu mugambi wayo.


Maze Umwami azobwira abari i buryo bwiwe ati: ‘Nimuze mwebwe abo Data yahezagiye, muragwe Ubwami mwateguriwe uhereye isi ikiremwa.


Yavuze iti: “Nzoguhezagira vy’ukuri kandi nzogwiza uruvyaro rwawe.”


Umutware umwe aramubaza ati: “Mwigisha mwiza, nokora iki kugira ngo ndagwe ubugingo budashira?”


Umusi umwe, umwigisha w’ivyagezwe yavuye hasi kugira ngo atege Yesu umutego, aramubaza ati: “Mwigisha, nokora iki kugira ngo ndagwe ubugingo budashira?”


Kandi nta muntu n’umwe yasize inzu, canke abavukanyi, canke se, canke nyina, canke umugore, canke abana, canke amatongo kubera izina ryanje, atazobishumbushwa incuro ijana kandi akaragwa n’ubugingo budashira.


Abo yatoranije kera, yarabahamagaye; abo yahamagaye, yabahinduye abagororotsi; abo yahinduye abagororotsi, yabahaye ubwiza.


Yesu afashe urugendo rwiwe aja i Yerusalemu, haza umuntu yiruka aja iyo ari, apfukama imbere yiwe, aramubaza ati: “Mwigisha mwiza, nokora iki kugira ngo nze ndagwe ubugingo budashira?”


Yaradukijije kugira ngo umugisha wahawe Aburahamu ushikire Abanyamahanga biciye muri Kristo Yesu, kandi kugira ngo biciye mu kwizera turonke Mpwemu Yera yasezeranywe.


Murazi ko mu nyuma yarondeye kwakira umuhezagiro wa se, ariko akirukanwa. Naho yawuronderanye amarira, ntivyakunze ko se ahindura iciyumviro.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite